Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Lydia Ludic Burundi ubu uri mu mirwi ikomeye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Lydia Ludic Burundi ubu uri mu mirwi ikomeye

Umurwi Lydia Ludic Burundi ubu uri mu mirwi ikomeye

mardi 14 Rusama 2013

Kuva aho umurwi Lydia Ludic utsindiye umurwi Asec w’i Abidjan muri Cote d’Ivoire, ndetse ugaca uronka uburenganzira bwo kuja mu gice c’umunani gishira icanyuma c’amahiganwa y’imirwi yatwaye ibikombe iwabo k’umugabane w’Afrika, abantu benshi harimwo n’iradiyo y’abafaransa Rfi, bipfuza kumenya uyo murwi w’Uburundi utari uzwi cane gushika muri iyi minsi uwo ariwo.

Umumenyereza wa Lydia Ludic Burundi, amenyesha ko umurwi amenyereza ukoresha amafaranga angana imiriyoni zitandatu uko bakinye urukino rwose.

Umumenyereza abandanya avuga ko, ubuhinga umurwi amenyereza ukoresha, ari ukuzibira cane inyuma ndetse mu nkino zishika zindatu baja barakinye, umunyeza wabo yatsinzwe ibitsindo bitatu gusa.

Ubuhinga n’akanovera umurwi Lydia Ludic Burundi uriko urerekana, vyibutsa Abarundi imirwi y’aho hambere hahise nka Vital’O hamwe na Inter FC aho yateye iteka Uburundi mu nkino zitandukanye yagiye irakina.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.