Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi nserukiragihugu wa Togo urafise amakenga ku mutekano (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu wa Togo urafise amakenga ku mutekano (...)

Umurwi nserukiragihugu wa Togo urafise amakenga ku mutekano wawo

mercredi 12 Ruheshi 2013

Umurwi w’umupira w’amaguru w’igihugu ca Togo uzohura n’uwa Libiya i Tripoli ku wa gatanu ku munsi ugira gatanu nyene w’amahiganwa yo gukuranamwo ku mirwi izoja mu gikombe c’isi yose mu mwaka w’2014. Hari rero abakinyi bamwe bamwe basa n’abagifise ubwoba, nk’uko vyashirijwe na Amavi Patatu, umuvugizi w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Togo.

Nk’uko urwo rukino rwari ruteguwe kubera i Bengazhi, ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA ryabajije ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Togo ku kibazo c’umutekano.

Ingingo yafashwe n’uko bazokinira i Tripoli mu rukino ruzoduhuza na Libiya kuwa gatanu uza. Nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Togo, yamenyesheje ati: “ Ku bwacu twipfuza ko urwo rukino rwobera mu kindi gihugu,ariko ntaco dufise twokora ngo tuvyumvishe ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA.”

Twobibutsa ko ayo makenga ya Togo ku mutekano ava kuri kahise kayo. Ntitwokwibagira igitero cabereye i Cabinda, igihe uwo murwi wariko uja mu higanwa ry’igikombe c’isi yose.
Igenekerezo rya 8 Nzero 2010, imodokari yari itwaye abakinyi n’abakunzi b’umurwi wa Togo mu mahiganwa y’igikombe ca Afrika 2010 yararashwe igeze mu karere ka Angola i Cabinda, abantu bagera kuri babiri baca barahasiga ubuzima.

Abarongoye umurwi nserukira gihugu wa Togo bamenyesha ko ata kundi bazoja gukinira i Tripoli naho inzego zimwe zimwe z’umurwi zitavyemera ku bwoba bw’umutekano wabo.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.