Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Real Madrid yagiriza umuhagarikizi ko ariwe yatumye batsindwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Real Madrid yagiriza umuhagarikizi ko ariwe yatumye batsindwa

Real Madrid yagiriza umuhagarikizi ko ariwe yatumye batsindwa

lundi 24 Ntwarante 2014

Mu nkino z’imirwi iriko ihiganirwa igikombe ca Coupe de la Ligua muri Espagne zigeze ku rukino rwa 29, imirwi mikeba yaraye ihuye. Urukino rwahuje umurwi wa Fc Barcelone n’umurwi wa Real Madrid rwari rwitezwe n’abantu isinzi nk’uko vyama igihe cose iyo mirwi ihuye. FC Barcelone yaratahukanye intsinzi naho bitari vyoroshe.

Inyuma y’iminota 7 urukino rutanguye, André Iniesta umukinyi wa FC Barcelone yateye umupira umunyezamu Diego Lopez atakubise ijosho. Karim Benzema ntiyatevye gusubiriza mu ndumane FC Barcelone, hari ku monota wa 20, eka uwo mukinyi ava mu gihugu c’Ubufaransa ntiyicaye kuko ku munota wa 24 yasubiye gutera umunyezamu Vades wa FC Barcelone. Urukino rwarimwo ukwihuta kwinshi kuko itsinzi hagati y’iyo mirwi isigura vyinshi, kuko womenga rwari urukino rwariko ruhuza umukinyi nimero 10, Lionel Messi wa FC Barcelone na mukeba wiwe Cristiano Ronaldo yambara inomero 7 muri Real Madrid.
Imbere yo kuja mu karuhuko k’igice ca mbere, ku munota wa 42, Messi yinjije ikindi gitsindo ku ruhande rwa Barcelone ibitsindo birangana (bibiri ku bindi) hagati y’iyo mirwi.

Mu gice ca kabiri bagarutse batazambaye, amakosa menshi hagati mu kibuga, hamwe n’akazi kenshi ku muhagarikizi Alberto Undiano Mallenco yatanze n’ikara itukura ku mukinyi Sergios Ramos ku munota wa 63, kw’ikosa agiriye Neymar. Iryo kosa ryahavuye rivamwo Penalty yatewe na Messi izana igitsindo ca gatatu c’umurwi wa FC Barcelone, ariko inyuma y’aho Cristiano Ronaldo yarinjije "Penalty" ku munota wa 55.
Ku munota wa 84, FC Barcelone yaronse iyindi Penalty maze ica iba intsinzi y’itsindo 4 vya Barcelone kuri 3 vya Real Madrid.
Umubabaro wabaye mwinshi kuri Cristiano Ronaldo aho amakosa yose y’itsindwa ryabo avuga ko vyavuye ku muhagarikizi w’urwo rukino, kuko habonetse amakarata menshi y’umuhondo yatanzwe.

Abakinyi baronse amakarata y’umuhondo

1. Ku munota wa 35, Angela di Maria akina muri Real Madrid

2. Ku munota wa 43, Pépé akina muri Real Madrid

3. Ku munota wa 43 nyene Cesc Fabregas : FC Barcelone

4. Ku munota wa 66, Sergio Busquets : FC Barcelone

5. Ku munota wa 85, Xabi Alonso, akina muri Real Madrid

6. Ku munota wa 86, Cristiano Ronaldo : Real Madrid

7. Ku munota wa 88, Luka Movic : Real Madrid


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.