IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umurwi ujejwe gukurikirana abahoze ku rugamba ugiye gushirwaho

Umurwi ujejwe gukurikirana abahoze ku rugamba ugiye gushirwaho

mercredi 4 Ruheshi 2014

Mu mubonano yagiranye n’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, umushikiranganji wo kwivuna abansi Général-Major Pontien Gaciyubwenge yemeye ko hagiye gushirwaho umurwi ujejwe gukurikirana abahoze ku rugamba (Comité de suivi). Général-Major Pontien Gaciyubwenge amenyesha ko abahoze ku rugamba ataribo bahungabanya umutekano, ahubwo agahamagarira abarundi bose kuwucungera.

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yahaye umubonano Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji wo kwivuna abansi. Nk’uko umuhuza w’abarundi yabimusavye, Général-Major Pontien Gaciyubwenge avuga ko yemeye ko hagiye kujaho umurwi ujejwe gukurikirana abahoze ku rugamba uzoba ugizwe n’abo mu buyobozi bujejwe gukurikirana abahoze ku rugamba, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’intumwa zo mu rwego rw’umuhuza w’abarundi.

JPEG - 12.5 ko
Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji wo kwivuna abansi

Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji wo kwivuna abansi arahakana ko hari abasirikare b’abarundi bari ku butaka bwa Congo, akongera akamenyesha abahoze ku rugamba badahungabanya umutekano nk’uko bikunze kuvugwa. Général-Major Pontien Gaciyubwenge yemera ko umutekano w’igihugu ukwiye, agahamagarira abarundi bose kuwuhagararira bawurinde guhungabana.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.