IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umurwi w’amatohoza ku bwicanyi bwabereye mu Cibitoke watangujwe

Umurwi w’amatohoza ku bwicanyi bwabereye mu Cibitoke watangujwe

vendredi 13 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yagenye kuri uwu wa gatanu umurwi ujejwe amatohoza kuvyavuzwe ko mu ngwano yabereye mu Cibitoke kuva kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2014 gushika kurya 3 Nzero 2015, ko hoba hari abarwanyi boba barafashwe hanyuma bakicwa, ivyo bita ubwicanyi ndengerabutungane.

Inyuma y’amasaha make gusa hashikirijwe amatohoza yakozwe n’ishirahamwe Human Rights Watch avuga mu ntambara yabereye muma komine ya Murwi na Bukinanyana, abarwanyi bishikanye baca bagandagurwa n’abasirikare, abaporisi hamwe n’Imbonerakure za CNDD FDD, ubutungane bw’Uburundi bwashizeho umurwi w’amatohoza ugizwe n’abashikirizamanza batatu.
Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yamenyesheje ko uwo murwi ushinzwe gutohoza kugira haboneke umuco kuvyavuzwe vyose bijanye n’ukutubahiriza kiremwa muntu mu ntambara yabereye muma komine ya Bukinanyana na Murwi mu ntara ya Cibitoke.
Mu gihe hogaragara ko hari uwagiriwe n’icaha c’ubwicanyi ndengerabutungane, Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika avuga ko uwo murwi uzoca umushengeza imbere y’ubutungane, uwo murwi ukaba ufise ububasha bwo kubaza uwariwe wese ubona ko hari ico azi kugira ukuri kuje ahabona.

JPEG - 36.8 ko
Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika

Uwo murwi w’abashikirizamanza batatu urongowe n’icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Adolphe Manirakiza, abandi bawugize akaba ari Hyacinthe NIYONZIMA, umushikirizamanza mukuru akukira sentare isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura, hamwe na Jean Marie BIGIRINDAVYI, umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Cibitoke. Uwo murwi ushizweho mu gihe mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’ingwano yari imaze iminsi mu ntara ya Cibitoke, Colonel Gaspard Baratuza umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, yabeshuje abavuga ko hari abarwanyi bishikanye bagaca bagandagurwa, akamenyesha ahubwo ko ata n’umwe muri abo barwanyi yishikanye, ko abafashwe bose bariko bararwana, aho rero bikagora kumenya namba ubutungane bw’Uburundi buzohava buvuguruza ivyashikirijwe n’igisirikare c’Uburundi nyene. Tubamenyeshe ko uwo arongoye uwo murwi, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Adolphe Manirakiza, ariwe nyene yari arongoye umurwi wagize amatohoza ku rupfu rwa Ernest Manirumva, ubwicanyi bwakorewe abantu batowe ibiziga muri Rusizi, akaba kandi ariwe yari arongoye umurwi wakoze amatohoza ku bwicanyi ndengerabutungane bwavuzwe na BNUB ko bwakozwe mu mwaka w’2011, aho hose ivyegeranyo vyavuye muri iyo mirwi bikaba bitahurijweko n’amashirahamwe yaba mpuzamakungu canke ayo mu Burundi. Kuri ayo makenga yose, abamenyeshamakuru bari mu kiganiro caremeshejwe kuri uwu wa gatanu na Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, bakaba batarekuriwe kubaza ikibazo na kimwe.
Uwo murwi w’amatohoza wahawe ikiringo c’ukwezi kugira ube washikirije icegeranyo c’ivyavuye mu matohoza.

Tubibutse ko amatohoza ya Human Rights Watch yerekana amagenekerezo n’ibibanza abo barwanyi bishikanye bagandaguriwemwo. Umunyagihugu yaganiriye n’umuhinga wa Human Rights Watch yivugiye ko yabonye kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2014, ahitwa mu Rwesero, muri komine Murwi, abarwanyi bane bari bahashwe, bakaba bari babohewe amaboko i mugongo. Uwo munyagihugu yayaze na Human Rights Watch avuga ko abo barwanyi babanje gukubitwa n’abaporisi hamwe n’Imbonerakure, mu maso y’abasirikare.

JPEG - 55.4 ko
Daniel Bekele, umuyobozi w’igisata ca Afrika muri Human Rights Watch

Abo banyagihugu nyene baganiriye na Human Rights Watch bavuga ko kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2015, abasirikare n’abaporisi bagandaguye barashe mu mutwe abarwanyi batandatu bari bishikanye, imbere y’uruzi Kaburantwa, hagati y’imisozi ya Ngoma na Rugano. Ababibonye bakavuga ko yari nk’igihe c’isaha cumi z’umuhingamo.
Kw’igenekerezo rya 2 Nzero, abasirikare n’abaporisi baragandaguye kandi abarwanyi 17 bari bafatiwe mw’ishamba rya Kibindi, hafi ya Mpinga, muri komine Murwi. Abo banyagihugu baganiriye na Human Right Watch basigura ko hari nabandi barwanyi bishikanye mu turwi, bakaba baciye batondekeshwa ku murongo, hejuru ku musozi, baragandagurwa, baca bahambwa n’Imbonerakure hamwe n’abanyagihugu bo muri iyo micungararo.

Daniel Bekele, umuyobozi w’igisata ca Afrika muri Human Rights Watch amenyesha ko abajejwe umutekano hamwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, ko iyo bakoze ubwicanyi ndengerabutungane, bibazwa Reta.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbona ingfeso z’amacakubiri zavyutse, bazohava bavuga ngo BEKELE ni umututsi.

  • Eka nubu nta cizere dufise kurayo matohoza uwo mugabo atwara abandi ntarahinduka aracari kwa kundi nyene. mbega hoho aho vyabereye ubu niho botanguza amatohoza kuko babonye abazi ico bakora babikoze? Ewe burundi urageze kugarukigwa.

  • jewe ntacizere kuri uyo murwi.Mugatumba,imuyinga,ababikira,mugatumba,bavuga ngo bashizeho umurwi.muga ntacavuyemwo.nihaze umugwi ataho wegamiye mpuzamakungu bagire enquete .

  • jewe sindumva umuntu numwe cndd.fdd yemera uwababwiye ukuri aba umwansi eka nihamwe babona ko abarundi turi ibijuju nayahandi iyaba ahandi abantu baba baragiye mwibarabara bakiyimiriza iyi ntwaro ya valentino nivyitso vyiwe ewe burundi waragowe.

  • Umvandababwire, nonekwabasirikare bigihugu cacu babiri bamanitse amaboko ariko abobaribateye bakaruhira kwica abobasirikare bigihugu kwatanumwe ariko arabavugira ariko mukomeje kuvugira abaribateye nigiki gituma mubonako abokuvugira arabaritibateyegusa? Ikindi kwataco mucuga kurabobaribateye bakica abasivile nabana? Ivyoguhondahonda abenegihugu ntacobitwaye kuri HRW? Barazwishinga nabarera igihugu!?

  • mbega reta ko yivunye umwansi ibindi munhakako yari gukora nibiki sha turabameyereye ikuntu mukunds gutroza reta reka reta yigumirize akanwa nayahandiho muzokwama muyavuga

  • uwo muntu manirakiza yahawe icogikorwa kumateka yiwe numva kumatohoza yagiyarakora kuma dosiye atarimake ntakuri nakumwe kwabayemwo none naho ntagishasha tuzumva harihakwiy kuza umurwi mvamakungu ukabariwukora amatohoza

  • uwo muntu manirakiza yahawe icogikorwa kumateka yiwe numva kumatohoza yagiyarakora kuma dosiye atarimake ntakuri nakumwe kwabayemwo none naho ntagishasha tuzumva harihakwiy kuza umurwi mvamakungu ukabariwukora amatohoza

  • Eka najewe wishikanye sinokureka rero simbona igitu iryo. Shirahamwe rihangayikishwa nabo bansi bigihugu bapfuye kandi ataciza bari bazaniye uburundi

  • none uwo mumenja ngon ni adolphe wumva yovuga ngwiki? nimurindire basha!!!

  • dd muragagowe ibara rirabagwanye birazwi ko zari imbonerakure zanyu mwishe!!!!!namasanamu arahari!!!nabavyeyi babo barazwi!!!! None go mugire,amatohoza?????reka reka kubona mwica abana banyu kugira muce mufata abantu ?????mukica abantu bagana kuryA?????murabesha murakajamwo

  • ahubwo jewe ndabonye muburundi bwacu hariho idiri iriko ikogwa !!!;huhuhuhu none mwebwe mwari mwabarungitse mwashaka ko baza narya mahema bakayanshinga neza atacamira huhuhuhu muratwenza peeee ahubwo nubu murarungika abandi!! icomutazi mugisoda harimwo abahutu abatutsi nabatwa ,mwabarya mwarungitse harimwo ubwoko bwose none mwashaka bigende gute?????

  • nyakwubahwa umushikirizwamanza mukuru nibareke kukuruhisha bamerankamwarimu abaza icazi!!! heeeebebebebebe barataye umutwe ndakurahiye!!!! abapfiriye muruzi gwitwa nyakadawe rugabura mpanda musigati muri coline mugoma bishwe na coln nengeri nabwo bwarubwicanyi bwitwa gute??mbajije uwomuhinga ajejwe gutohoza abafuy wa human rigths watch akamaramaza karama.

  • urazi kugira ube umukungu umukungu ava mubagabo!!!!kwemera urindi rugo urenganye ugwawe agakomye amakungu akandi amakungu mbega abomutabaza ntangorane bafise iwabo

  • Mbe ko mbere uwo mushikirizamanza valentin bagorikunda yari yavuze ko amatohoza ageze kure, uwo wundi murwi yashinze nuwiki? Ko bamenye namazina yabarwanyi naho batazi uwabatumye, kuko numva ngo intonde zabo zimwezimwe zagiye ziramanikwa kubiro vy’amakomine y’intara ya Kirundo. None abatohoje ivya mbere basanze atarivyo kuburyo hoshingwa uwundi murwi?

  • Ikindi naco nari nibagiye. Bigenda gute ko umuntu agirisha ikiganiro canke inama, ariko ntiyemere ko bamubaza ikibazo. Ntivyumvikana. Aba atinya ko bomubaza kumahinyu aguma yibonekeza?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.