Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Academie Le Messager yatahukanye igikombe ca "Rize Cup 2014" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Academie Le Messager yatahukanye igikombe ca "Rize Cup 2014"

Academie Le Messager yatahukanye igikombe ca "Rize Cup 2014"

samedi 5 Ndamukiza 2014

Abakinyi bo mw’ishuri ry’umupira w’amaguru Académie Le Messager baraye batahukanye igikombe ca "Rize Cup" bariko bahiganirwa mu gihugu ca Turkiya.

Kuva kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante, mu gihugu ca Turkiya hariko habera inkino zahuza imirwi 6 yahiganirwa igikome ca "Rize Cup 2014". Umurwi waserukiye Uburundi Academie Le Messager wari witavye izo nkino. Uwo murwi nyene niwo watahunye igikombe ca "Rize Cup 2014". Ico gikombe wakironse uhejeje gutsinda umurwi wa "Beledeyesi FC" yo mu gihugu ca Turkiya, ibitsindo 3 ku busa (3-0).

Igitsindo ca mbere cinjijwe n’umukinyi Fatak Ali Intelligent ku munota wa 28, ica kabiri naco cinjijwe na Nkurunziza Dannick ku munota wa 47 kuri "Penalty". Igitsindo ca nyuma, arico ca gatatu cinjiye ku munota wa 72, ku mupira mwiza cane watewe na Joel Nkurunziza batazira Coly.

Mwomenya ko uwo murwi umenyerezwa na Kazadi Mwilambwe utigeze utsindwa urukino na rumwe kiretse ko imirwi yose vyakinye uwatsinzwe bike vyari 2 ku busa. Academie Le Messager wakinye inkino 5, winjiza ibitsindo 15. Mu mwaka w’2013, uwo murwi wari watahukanye igikombe ca "Jeunesse Moscou", mw’ihiganwa ryabereye mu gihugu c’Uburusiya.

Urutonde rw’abakinyi baserukiye Uburundi mu murwi wa Academie Le Messager:

Abanyezamu :

1 Mbonimpa Hamim Ngozi

2 Mamera Idrissa Bujumbura

Abakinyi b’inyuma ni :

3 Nkurunziza Joel Coly Ngozi

4 Ngendambizi Willy Rumonge

5 Hakizimana Youssuf Ngozi

6 Ramadhan Salum Bujumbura

7 Irakoze Aimable Ngozi

8 Amin Abdul Ngozi

Abo hagati

9 Hakizimana Saleh Rumonge

10 Museremu Iddy Ngozi

11 Nshimirimana François Bujumbura

12 Irakoze Eloge Rumonge

13 Karikera Ibrahim Rumonge

14 Tonny Irambona Ngozi

Abasatirizi

15 Niyonkuru Theophile Rumonge

16 Nkurunziza Dannick Bujumbura

17 Nihorimbere Eloge Bujumbura

18 Fataki Ali Intelligent Ngozi


Chérif Nkeshimana

Messages

  • abo bana baserukire le Messager Fc barateyiteka u Burundi n’abarundi

  • Murakaramba turabakunda kandimwebwe tubatezekovyishi abarunditwese.
    Lydia Nsekera wacunawe yongewe ayandimabanga mpuzamakungu nawe turamushigikiye ateyimbere nitwebwe abarundi nuburundi tubaduteyimbere mwese turabashigikiye.

  • académie le Messager komera komera turabashigikiye.

  • terimber bana bigihugu murashoboye

  • Biranezereje caaane gose! Coly n’umukinyi rurangiranwa twariganye secondaire kuri Lycée Don Bosco. I wish him all the best in his carrier! Hari Uwundi yitwa Urasenga Cedric Danny (twatazira Kagabo) ndumva nshaka kumenya nawe amateka yiwe muri football. Urwaruka rw’iwacu riru n’ingabirano twari twabuze abadushigikira ngiriyeko nkeza Our Burundian Head Of State Peter NKURUNZIZA pour cette initiative! Hama na Jewe ndiko mpiganwa mu makungu muvyigwa vy’ubumenyi mubuhinga bwa none! Nizeye ko Imana izama iduteriteka kuko twayihaye Ikibanza ca Mbere muvyo dukora vyose. Abatwanka tuzogerageza kubakunda hama bo nyene bahakure icigwa!

  • iterambere niryiza, ariko harivyinshi vyononekara murubwoburyo! ntangazwa nivyiyumviro bibi, bibiba amacakubiri, vyigisha ubugumutsi, kwigisha ubwansi, kwibutsa ibintu vyarenganye, vyataye igihe, nuwoba akibikamisha, harageze ko atangura kumenya kurondera ukundi ashobora kubaho, kuko amaraso arahuma. uwuteranya kukarimi, niwemwicanyi wambere mubi, averageze rero mwemujejwe ururubuga, mutinye imana nabantu, gusasira indava, abononyi, ivyobivugwa, mupfume musaba leta ibaronderere ya sentare bagirizanye, bareke kuvangatiranya ibintu, ikibabaje nuko aribabandi baguma bandika, ivyamoko!!! jenibazako hageze komwobaharira ivomo, mwoye kuvyemera SVP!!!

  • Nukuri abo bana bacu imana ibajimbere .

  • umugwi wacu academy le messager ni bon ahubwo courrage

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.