Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Academie Tchite usigaje guhiganirwa ikibanza ca gatatu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Academie Tchite usigaje guhiganirwa ikibanza ca gatatu

Umurwi wa Academie Tchite usigaje guhiganirwa ikibanza ca gatatu

mardi 3 Ruheshi 2014

Umurwi wa Academie Tchite waratsinzwe kuri uwu wa mbere mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c’inkino za CECAFA Nil Cup. Uwo murwi wari waserukiye Uburundi, watsinzwe n’umurwi w’Ingwe (Leopards) wo muri Kenya. Abakinyi ba Academie Tchite basigaje urukino rwo guhiganirwa ikibanza ca gatatu.

Mu nkino za CECAFA Nil Cup, Uburundi bwari bwaserukiwe n’umurwi wa Academie Tchite. Ejo haheze kw’igenekerezo rya 02 Ruheshi, umurwi w’Ingwe(Leopalds) wo muri Kenya watsinze Academie Tchite ibitsindo 2 ku busa. Ku rundi ruhande, umurwi Shandy watsinzwe na Victoria University igitsindo 1 ku busa.

Aho bukera isaha icumi n’igice z’umuhingamo(16h 30) ku masaha y’i Karthoum muri Sudani ahabereye inkino, Academie Tchite izohigura na Shandy mu kurondera ikibanza ca 3, na ntaryo ushobore gutahukana agashimwe kangana amadori 10.000. Ayo yateguriwe umurwi uzotwara ikibanza ca 3. Urukino rwa nyuma ruzohuza imirwi y’Ingwe (Leopalds) na Victoria Universty, umurwi uzotahukana ico gikombe uzohabwa amadori 30.000, uwa kabiri uzotahukana amadorari 20.000.

Mwomenya ko inkino za CECAFA Nil Cup zatanguye kw’igenekerezo rya 23 Rusama, ziriko zihuza imirwi y’ibihugu bisangiye amazi y’uruzi Nil rufise isoko mu Burundi. Izo nkino ziriko zibera mu gihugu ca Sudani, ari naco catanze uburyo kugira ayo mahiganwa ashoboke.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.