Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Atletico Olympic usabwa gutsinda urukino rwo kuri uwu wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Atletico Olympic usabwa gutsinda urukino rwo kuri uwu wa (...)

Umurwi wa Atletico Olympic usabwa gutsinda urukino rwo kuri uwu wa mbere

lundi 11 Myandagaro 2014

Inkino za CECAFA KAGAME Cup 2014 zirabandanya ku bibuga bitandukanye vy’igihugu c’Urwanda. Umurwi wa Vital’o waratsinze umurwi w’igihugu ca Somaliya bitawugoye naho Atletico Olympic utashoboye gutsinda APR yo mu Rwanda. Iyo mirwi iriko iserukira Uburundi ifise inkino za kabiri kuri uwu wa mbere..

JPEG - 59.7 ko
Umurwi wa Atletico Olympic

Urukino rwahuje umurwi wa Vital’o n’umurwi Benadir wo muri Somaliya rwaroroheye cane umurwi w’Uburundi kuko ibitsindo 5 kuri 1 vyinjira bitagoranye. Urundi rukino rwahuje umurwi wa Atletico Olympic na APR yo mu Rwanda. Ntivyoroshe hagati y’iyo mirwi kuko igitsindo c’umurwi wa APR cabonetse mu mwanya w’agasunuzo, gutyo Atletico ica itsindwa kimwe ku busa 1-0. Umurwi wa Atletico usabwa gutsinda urukino uza gukina na Police yo mu Rwanda kuri uuw wa mbere.

JPEG - 66.3 ko
Umurwi wa APR

Inkino zarabandanije ku w’Imana igenekerezo rya 10 Myandagaro, inkino zabaye hagati y’imirwi ikwirikira :

Isaha indwi (13h00), hakinye umurwi Telecom wo muri Djibouti na KCCA wo muri Ouganda. Telecom watsinze 2 kuri 1

Isaha icenda (15h00) hatanye mu mitwe KMKM wo muri Zanzibar na Azam wo muri Tanzaniya. Azam yatsinze 4-0

Isaha cumi n’imwe (17h00): Adama City yo muri Ethiopiya yakinye na Rayon Sport yo mu Rwanda. Uwo murwi wa nyuma utsinda 2 kuri 1

Kuri iri genekerezo rya 11 Myandagaro inkino zitegekanijwe uko gukwirikira:

Isaha Indwi (13h00): Benadir (Somaliya) ikina na El Merreikh (Sudani)

Isaha icenda (15h00): Gor Mahia (Kenya) ikina na Atletico (Burundi)

Isaha icumi n’imwe (17h00): Vital’O (Burundi) na Police FC (Rwanda)

Amashusho y’urukino rwahuje umurwi wa APR na Atletico Olympic


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.