Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Atletico Olympic ushobora kwikura mu mahiganwa utaraheza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Atletico Olympic ushobora kwikura mu mahiganwa utaraheza (...)

Umurwi wa Atletico Olympic ushobora kwikura mu mahiganwa utaraheza inkino

mercredi 13 Myandagaro 2014

Umunsi ugira gatandatu w’inkino za CECAFA KAGAME Cup 2014 uza guhuza imirwi ya KCCA wo muri Ouganda na Atletico Olympic ya mu Burndi hamwe na APR FC yo mu Rwanda, iza gukina na Telecom yo muri Djibouti.

JPEG - 59.7 ko
Umurwi wa Atletico Olympic

Igihe c’isaha icenda (15h00) umurwi wa KCCA uza gutana mu mitwe Atletico Olympic yUburundi. Iyo mirwi yose iri mw’itsinda A kandi ifise yose amanota atatu nta gitsindo nakimwe ufise (3 points - 0but). Urwo rukino rushobora gutuma umurwi wa Atletico Olympic ubandanye inkino canke usezere, eka ni ko kwukwo n’uwo KCCA wo muri Ouganda ushobora kubandanya canke ugasezera amahiganwa.

Urundi rukino ruza guhuza imirwi ya APR FC wo mu Rwanda na Telecom wo muri Djibouti. Iyo nayo nyene ihuriye mw’itsinda A, nk’irya ya mbere. Iyo mirwi iranganya amanota, yose, ifise amanota 3 n’igitsindo kimwe (3 points - 1but). Urukino ruba isaha icumi n’imwe z’umugoroba(17h00)

Bivugwa ko umurwi Atletico utariko ufatwa neza muri ayo mahiganwa kubera batagira amazi hamwe n’amasabuni. Kuri ico kibazo, ubushikiranganji bw’inkino bwobwo buvuga ko ivyo biraba abategura inkino za CECAFA.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.