Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Bayern Munich waraye utsinze FC Barcelone - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Bayern Munich waraye utsinze FC Barcelone

Umurwi wa Bayern Munich waraye utsinze FC Barcelone

mercredi 24 Ndamukiza 2013

Umurwi wa FC Barcelone waraye unyagiwe na Bayern Munich ibitsindo 4-0 mu mukino rwabaye ejo, mu gice gishira icanyuma c’imirwi yabaye iyambere iwabo ku mugabane w’u Buraya (Champions league ).

Inyuma yo gusatirwa bikomeye umukino ugitangura, umukinnyi Thomas Mueller yuguruye izamu rya Barcelone ku munota wa 25.

JPEG - 36.9 ko

Bayern Munich yakomeje gusatira bikomeye no mu gice ca kabiri ariho kigitangura, ku munota wa 49, Mario Gomez yatsinze ica kabiri, ku munota wa 78 Robben ashiramwo ikindi, ica nyuma cinjira ku munota wa 82 cinjijwe na Thomas Mueller ari nawe yari yatsinze ica mbere .

Urukino rurangira FC Barcelone itaravye izamu rya Bayern Munich.
Kuri uyu wa Gatatu, hategerejwe urundi rukino Real Madrid yo muri Espagne iza guhura na Borrussia Dortmund yo mu Budagi.


Joel Sengurube

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.