Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Chelsea watanguye umwaka nabi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Chelsea watanguye umwaka nabi

Umurwi wa Chelsea watanguye umwaka nabi

vendredi 2 Nzero 2015

Umurwi wa Chelsea wahora kw’isonga mu mahiganwa yo mu Bwongereza waraye utakaje ikibanza mu gutsindwa na Tottenham ufise ikibanza c’indwi.

JPEG - 18.8 ko
Chadli mu munezero

Mu rukino rw’umunsi ugira uwa mirongo ibiri y’amahiganwa y’umupira w’amaguru mu Bwongereza, Chelsea yakiriye Tottenham ku kibuga "White Hart Lane". Muri urwo rukino, Chelsea ntiyorohewe. Igitsindo ca mbere cuguruwe na Chelsea kubwa Diego Costa yahoze muri Atletico Madrid ku munota wa 18. Ico gitsindo nticaciye intege abakinyi ba Tottenham. Ku munota wa 31, Harry Kane yinjije ico kunganya. Kuva aho Chelsea ntiyasubiye kworoherwa, umukinyi Danny Rose yinjije ica kabiri ku munota wa 44. Inyuma y’iminota ine, kw’ikosa rigizwe na Cahill wa Chlsea kuri Harry Kane, bahanishije "Penalty", umukinyi Andros Townsend arayinjiza. Imbere y’uko igice ca mbere gihera Chelsea yinjijwe bitatu kuri kimwe (3-1).

Umukinyi Harry Kane wa Tottenham ntiyavyoroheje, bagarutse mu gice ca kabiri c’urukino, yashitse yinjiza ica kane ku mupira ahawe na mugenzi we Chadli hari ku munota wa 53 (4-1). Hazard arahebera indarangavye mu kwinjiza igitsindo ca kabiri (4-2). Urukino Chelsea yakinye ntaryo yari bwabone kuva amahiganwa atangura. Ku munota wa 78, Chadli yinjije igitsindo ca gatanu (5-2), imbere y’uko John Terry agabanya ububabare bwa Chelsea mu kwinjiza igitsindo ca gatatu kuri bitanu vya Tottenham (5-3).

Umunezero ni wose ku bakinyi n’abakunzi b’umurwi wa Tottenham bashoboye gutsinda igihangange nka Chelsea.

Mwomenya ko Chelsea yahora kw’isonga yaciye inganya amanota na Manchester City ihejeje kwirahira Sunderland bitatu kuri bibiri (3-2).

Raba uko ibitsindo vyinjiye :


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.