Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu Rugamba n’umurwi wa Djibouti biteguriye gutana mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba n’umurwi wa Djibouti biteguriye gutana mu (...)

Intamba mu Rugamba n’umurwi wa Djibouti biteguriye gutana mu mitwe

mardi 25 Ntwarante 2014

Umurwi w’umupira w’amaguru w’abafise munsi y’imyaka 21 wo mu gihugu ca Djibouti uriko uritegurira kwakira abakinyi bafise munsi y’imyaka 21 bo mu umurwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba Junior, hazoba ari mu ntumbero yo kwitegurira amahignwa y’imirwi y’abari munsi y’imyaka 21 yabaye iya mbere iwabo.

Mu ntumbero yo kwitegurira amahiganwa y’imirwi y’abafise munsi y’imyaka 21 azoba mu mwaka w’2015 mu gihugu ca Sénégal ( Préliminaires du Championnat U20 de la CAF, "Sénégal 2015"). Intamba mu Rugamba Junior zifise urukino ruzozihuza n’umurwi w’igihugu ca Djibouti.

Amakuru dukura aho mu gihugu ca Djibouti, amenyesha ko umurwi wabo umaze indwi zibiri uriko witegura kwakira Intamba mu Rugamba. Ayo makuru abandanya atumenyesha ko benshi mu bakinyi bo muri Djibouti bazoba bari muri urwo rukino basanzwe bakina mu cicaro ca mbere (Première Division), ariko ko hari icizere ko Intamba zifise amahirwe yo kubatsinda mu gihe bogira imyiteguro ihagije.

Mwomenyako urukino rwa mbere ruzoba kw’igenekerezo rya 04 Ndamukiza, ruzobera mu gihugu ca Djibouti, ku kibuga ca Stade Municipal. Urukino rwo gusubiza ruzoba kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza i Bujumbura.

Aho mu gihugu ca Djibouti batanguye guhamagarira abanyagihugu baho kuzosidukana n’iyonka gushigikira umurwi wabo.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.