Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa FC Barcelone usaba umukinyi Dani Alves gukura meza arondere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa FC Barcelone usaba umukinyi Dani Alves gukura meza arondere (...)

Umurwi wa FC Barcelone usaba umukinyi Dani Alves gukura meza arondere uwundi murwi

vendredi 1er Myandagaro 2014

Uburongozi bw’umurwi wa FC Barcelone bwoba bugira busezerere umukinyi Dani Alves da Silva. Ikibanza yaguriwe gukinamwo ntaco agishoboye. Asabwa kuba ararondera uwundi murwi yojamwo. Umurwi wa FC Barcelone ugomba kugabanya abakinyi bahembwa menshi, ariko ata kintu kinini bamariye umurwi.

Ikinyamakuru co mu gihugu ca Espagne footmercato.net, canditse ko abarongozi b’umurwi wa FC Barcelone basezereye umukinyi Dani Alves da Silva aturuka mu gihugu ca Bresil. Dani Alves yari yaguzwe imiriyoni 40 z’amahera akoreshwa n’abanyaburaya, hari mu 2008. Mu ntumbero yo kugabanya abakinyi bahembwa menshi kandi b’ingwizamurongo, umurwi wa FC Barcelone wamusavye kurondera uwundi murwi yokinamwo. Ikibanza ciwe kizojamwo umukinyi Fiorentina Juan Cuadrado wo muri Colombiya. Dani Alves ku myaka 31, ageze aho umwansi ashaka mu mupira w’amaguru, kuko no mu gikombe c’isi yakinishijwe nk’umukinyi w’umusubirizi mu gihugu ciwe ca Bresil.

Mwomenya ko umurwi wa Paris Saint Germain wagomvye kugura Dani Alves nawe akanka kubera yashaka kumara uwundi mwaka muri FC Barcelone. Ikindi n’uko uno mwaka umurwi wa FC Barcelone waguze abakinyi bakomakomeye harimwo nka ba Luis Suarez, Ivan Rakitic, Marc-André Ter Stegen, Jérémy Mathieu, Claudio Bravo, eka bavuga ko aho ko bobona Dani Alves bopfuma bazana David Villa.

Tubibutse ko Dani Alves yagiye muri FC Barcelone avuye mu murwi wa FC Seville mu mwaka w’2008. Yari yinjiye muri FC Seville mu mwaka w’2003. Kuva muri FC Seville gushika aho muri Barcelone yirukanywe, yari amaze gukina inkino 465, yari amaze kwinjiza ibitsindo 33, yinjiye mu kibuga agombora incuro 33, agomborwa incuro 26, yahawe amakarata y’umuhondo incuro 134, ahabwa zitukura incuro 14.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.