Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Flambeau de l’Est wasubiriye gutwara igikombe ca Primus (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Flambeau de l’Est wasubiriye gutwara igikombe ca Primus (...)

Umurwi wa Flambeau de l’Est wasubiriye gutwara igikombe ca Primus League

mardi 8 Mukakaro 2014

Ihiganwa ryitiriwe Primus League ryarangiye ku ntsinzi y’umurwi wa Flambeau de L’Est ari nawo waciye utwara igikombe c’uno mwaka w’inkino. Flambeau de L’Est n’umurwi wa Vital’o izoca ija guserukira Uburundi mu Rwanda.

Urukino rwa nyuma rw’amahiganwa ya Primus League rwahuje umurwi wa Flambeau de L’Est n’umurwi wa Vital’o ku kibuga co mu ntara ya Ruyigi. Urukino rwarangiye ku ntsinzi y’igitsindo kimwe c’umurwi wa Flambeau ku busa bwa Vital’o. Umurwi wa Flambeau de L’Est wo mu Ruyigi utwaye ico gikombe incuro zibiri wikwirikiranya. Naho biri uko, Vital’o na Flambeau zizoca ziserukira Uburundi mu nkino za CECAFA zizobera mu gihugu c’Urwanda.

Inyuma y’urwo rukino, umurwi wa Vital’o waciye utwara ikibanza ca 5 mu mirwi 14 yo mu gice ca mbere. Nayo ni iyi:"

1) Flambeau dec l’Est

2) Lydia Ludic Academic

3) Inter Star

4) Messager Ngozi

5) Vital’o \

6) Athletico

7) Guepiers du Lac

8) Prince Louis

9) Academie Tchite

10) Muzinga

11) Royal

11) Volontaire

12) Flamengo

13) Espoir


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Kuvyerekeye Flambeau De L’est Yo Mu Ruyigi Hamw N’urukino Rwa Inter Star Harimwo Igipfungu Kuba Yarariye Igiturir Igatsindwa Kandi Ari Iya 3 Ngo Ibitsindo 5 Ni Vyinsh Non Ko Allemangne Yatsinz 7 Umugwi W’igihangang Bresil Naho Ntamakenga Vyabateye?Sindabitahura Harashobora Kuba Harimwo Irementanya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.