Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Flambeau de l’Est warahiye kwitaba inkino za CECAFA KAGAME Cup (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Flambeau de l’Est warahiye kwitaba inkino za CECAFA KAGAME Cup (...)

Umurwi wa Flambeau de l’Est warahiye kwitaba inkino za CECAFA KAGAME Cup 2014

mardi 5 Myandagaro 2014

Umurwi wa Flambeau de l’Est waratangaje kutazokwitaba amahiganwa y’inkino za CECAFA KAGAME Cup 2014. Uwo murwi wababajwe n’uko hari abawagirije gutanga igiturire. Abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bavuga ko atawagirije uwo murwi kuko amatohoza akibandanya.

Imirwi Vital’O na Flambeau de l’Est niyo yoserukiye Uburundi mu nkino za CECAFA KAGAME Cup 2014 zizobera mu gihugu c’Urwanda kuva kw’igenekerezo rya 08 Myandagaro 2014. Umurwi wa Flambeau de l’Est waratangaje kutazokwitaba izo nkino. Uburongozi bw’uwo murwi buvuga ko bwababajwe n’uko hari bamwe mu barongoye imirwi hamwe n’uburongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bawambitswe ibara mu kuwagiriza gutanga igiturire.

Abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) barahakana ko batigeze bagiriza Flambeau de l’Est ko yatanze igiturire, bavuga ko barindiriye ikizova mu matohoza ariko aragirwa.

Mwomenya ko umurwi wa Flambeau de l’Est wari mw’itsinda B hamwe na APR ( Rwanda), KCCA (Ouganda), TELECOM (Djibouti) na GOR MAHIA (Kenya). Wari ufise urukino rwa mbere kw’igenekerezo rya 09 Myandagaro n’umurwi GOR MAHIA ku kibuga c’i NYAMIRAMBO.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.