Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Flambeau de l’Est ntiyorohereje Flamengo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Flambeau de l’Est ntiyorohereje Flamengo

Flambeau de l’Est ntiyorohereje Flamengo

mardi 10 Ruheshi 2014

Urukino rwahuje umurwi wa Flambeau de L’Est n’umurwi wa Flamengo rwashize kw’isonga ivy’imfata kibanza umurwi wa Flambeau de L’Est, aho watsinda Flamengo ibitsindo 4 kuri 2. Umurwi wa Flamengo ugeze aho umwansi ashaka, ugashobora mbere gukorokera mu cicaro ca 2.

JPEG - 183.9 ko
umurwi wa Flambeau de l’Est, Marc Arthur ntarimwo

Kuri uwo w’Imana w’igenekerezo rya 08 Ruheshi, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, umurwi Flambeau de l’Est wo mu Ruyigi watanye mu mitwe n’umurwi wa Flamengo. Urukino rwuguruwe n’igitsindo cinjijwe na Flambeau de l’Est mu minota 10 ya mbere, bidatevye Flamengo yaciye nayo ikigombora. Igice ca mbere caheze ari ibitsindo 2 kuri 2.

Igice ca kabiri cabaye ingorane kuri Flamengo, kuko Flambeau de l’Est yagarutse yakaze ica yinjiza ibitsindo 2, bica biba 4 kuri 2. Naho yatsinzwe Flamengo ntako itari yakoze kugira iburabuze itsinzi ya Flambeau de l’Est.

Mwomenya ko umurwi wa Flambeau de l’Est waciye uja kw’isonga ivy’imfatakibanza, ufise amanota 43, ukwirikirwa na Lydia Ludic Academic ifise amanota 41. Umurwi wa Flamengo co kimwe na Espoir FC igeze ahatemba, igashobora mbere gukorokera mu cicaro ca 2. Naho biri uko, ibibanza vya mbere ntibiratomoka neza, kuko hari imirwi ifise amanota meza ariko ifise ibirarane vy’inkino.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.