Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lydia Ludic Academic niyo iri kw’isonga mu nkino za Primus League - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Ludic Academic niyo iri kw’isonga mu nkino za Primus League

Lydia Ludic Academic niyo iri kw’isonga mu nkino za Primus League

dimanche 8 Ruheshi 2014

Inkino z’umupira w’amaguru za Primus League ziriko zirabandanya aho zigeze ku munsi wa 22 w’amahiganwa. Kw’isonga hari umurwi wa Lydia Ludic Academic ufise amanota 41, inyuma yo gutsinda umurwi wa Vital’O. No hagati mu gihugu inkino zarabaye.

JPEG - 55.8 ko
Lydia Ludic Academic

Ku munsi wa 22 w’amahiganwa ya Primus League, kw’igenekerezo rya 07 Ruheshi inkino zarabandanije. Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore habereye inkino 2, urwa mbere rwahuje umurwi Inter Star na Espoir FC. Urwo rukino rwabereye ifuro ry’igiti umurwi wa Espoir FC watsinzwe ibitsindo 5 ku busa. Abinjije ibitsindo ni DEO NDAYISHIMIYE, SHASSIR, HASSAN BIZIMANA, YVES, na POUTCHOU.

Urundi rukino rwahuje umurwi wa Vital’O na Lydia Ludic Academic ku kibuga nyene citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Umurwi wa LLB Academic watsinze Vital’O ibitsindo 2 kuri 1. Vyinjijwe vyompi na Claude Ndarusanze. Igitsindo ca Vital’O cinjiye kuri Penalty yatewe na Mossi Moussa.

Mu ntara zo hagati mu gihugu, umurwi wa Royal FC w’i Muramvya wakiriye Atletico Olympic. Uwo murwi wa Atletico watsinze 2 kuri kimwe ca Royal FC. I Ngozi habereye urukino rwahuje Messager Ngozi na Prince Louis. Messager yatsinze 2 kuri 1. Guepiers du Lac wakiriye Muzinga utako utsindwa 2 kuri 1.

Mwomenya ko umurwi wa LLB Academic ariwo uri kw’isonga ufise amanota 41, ukurikirwa na Inter Star ufise 39. Ikindi naco mwomenya, n’uko Kanyankole batazira Yaounde yaragarutse kumenyereza umurwi wa Vital’O


Cherif Nkeshimana

Messages

  • mba mu rwanda,nasaba muze mudushikiriza buri ndwi uko primus league yagenze n’uko imirwi ikurikirana.Njye mfana MSGNgozi Merci d’avance

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.