Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Manchester City yavugutiye umuti Manchester United - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Manchester City yavugutiye umuti Manchester United

Manchester City yavugutiye umuti Manchester United

mercredi 26 Ntwarante 2014

Mu nkino z’umupira w’amaguru mu gihugu c’Ubwongereza, imirwi yo mu cicaro ca mbere, imirwi isangiye igisagara yaraye itanye mu mitwe. Manchester United yatsinzwe ivy’umwihariko na mukeba wayo Manchester United, ibitsindo 3 ku busa (3-0).

Mu mahiganwa y’umupira w’amaguru ariko abera mu gihugu c’Ubwongereza, imirwi yo mu gisagara ca Manchester yarahuje ubwayi mw’ijoro ryo ku munsi w’ejo kuwa kabiri. Umurwi wa Manchester City wavugutiye umuti Manchester United. Urukino uwo murwi wa Manchester United waboneka ko uriko urarushwa, bagenzi ba Wayne Rooney baragerageje, aho ku munota wa 40, Raphael yahereje umupira Juan Mata yahoze muri Chelsea ariko ntiyashoboye kuronka igitsindo mw’izamu kwa Joe Hart.
Aho hose bagerageza kugombora igitsindo ca mbere cinjiye ku munota wa mbere kivuye ku mukinyi Edin Dzeko, uwo nyene ntiyavyoroheje kuko igice ca kabiri c’urukino yacuguruje igitsindo, hari ku munota wa 56. Umumenyereza wa Man.United, Moyes David abonye bigiye kuyangara yinjije Kagawa ariko ntiyabonye igihinduka. Wayne Rooney yarateye ariko ntaco yahakuye, ku munota wa 80.

Yaya Toure umukinyi w’umumenyereza Manuel Pellegrini batazira El Ingeniero amenyereza umurwi wa Man.City kuva muri Ruheshi umwaka w’2013, yinjije igitsindo ku munota wa 90, David de Gea umunyezamu atakubise ijisho. Urukino ruca rurangira ku ntsinzi ya Man.City y’ibitsindo 3 ku busa (3-0).

Mu nkino zo mu cicaro ca mbere mu Bwongereza, hariyo imirwi 20, uwa mbere ni Chelsea ufise amanota 69, uwa nyuma ni Fulham ufise 24.

Inyuma ya Chelsea haza :

2. Man.City : amanota 66

3. Livelpool : amanota 65

4. Arsenal : amanota 63

5. Everton : amanota 57

6. Tottenhma : amanota 56

7. Man.United : amanota 51

8. New Castle : amanota 46

9. Southamton : amanota 45

10. Stoke City : amanota 37


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.