Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Mikado watahukanye igikombe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umurwi wa Mikado watahukanye igikombe

Umurwi wa Mikado watahukanye igikombe

mercredi 25 Kigarama 2013

Inkino za karate zihuza imirwi yagiye iratorwa mu turere yakinyemwo, yarahuriye mu nkino zo ku rwego rw’igihugu za nyuma zabereye i Bujumbura.

Mu mezi aheze hari habaye inkino zahuza uturere kugira batoremwo imirwi yitaba amahiganwa yo ku rwego rw’igihugu. Izo nkino za karate zitabwe n’imirwi 10 mu gihugu cose, ariko hari hatowe imirwi 12. Bizoza Bernard icegera c’uwurongoye inkino za karate mu Burundi, avugako iyo mirwi yoba yaretse kwitaba izo nkino bivuye ku bukene imirwi ifise. Ivyo vyerekanwa n’uko hari imirwi yarungitse umukinyi umwe, akarorero n’intara ya Ruyigi, n’intara ya Bubanza. Nk’uko abandanya abivuga, izo nkino ziriko zitegura amahiganwa yo mu karere ka 5, zizokwirikirwa n’amahiganwa yo muri Afrika hanyuma y’isi yose, ariko ikirangaminsi ntikiramenyekana. Bizoza Bernard, aravuga ingorane zizingamitse urukino rwa karate, muri zo cane n’uburyo kuko birababaje iyo umurwi watowe mu yindi usiba amahiganwa nkayo kandi ari ibakwe umurwi uba uronse. Ku bw’ivyo, uwo mutegetsi asaba ubushikiranganji buraba urwaruka n’inkino kwitaho inkino zose kuko zifitiye akamaro kanini igihugu, atera akamo kandi abadandaza, amashirahamwe yabikorera ivyabo, eka n’uwo ari we wese gufasha urwaruka ruriko rurondera kwambika iteka igihugu.

Inkino za karate ku rwego rw’igihugu zatanguye ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 21 Kigarama zarangiye bukeye bwaho, aho imirwi ine yarashoboye gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma, yahiganirwa ibikombe 2. Inkino zari ziryoheye ijisho, hageze mu gice ca nyuma hoho abakina barashizemwo ishaka ridasanzwe, maze urukino ruba akaroruhore. Muri ico gihe, haribonekeje agatotsi, aho abahagarikizi n’abakuru b’imirwi batahurije ku manota, ariko inyishu ntiyatevye gutorwa maze amahiganwa arabandanya. Inkino zagiye kurangira ku ntsinzi y’umurwi wa «Mikado», ari nawo waciye utahuka igikombe, ikindi catahukanye umurwi wa «Zanshin», iyindi midari yagiye itangwa ku bakinyi bitwaye neza gusumba iyindi.

JPEG - 2.6 Mo
umurwi watahukanye igikombe

Icibonekeje ni uko abana bakina urukino rwa karate mu Burundi bari n’ishaka, kubera kuva mu gatondo nta mazi canke ikindi co bafata mu nda bari bwaronke, abatari ko barakina baja kunywa amazi y’ibombo ryari hafi yaho bari bakinira. Aho hari ku kibuga c’ishuri y’abafaransa «Ecole Francaise». Urwo rwaruka ruhejeje kwambikwa imidari vyaciye ruja gufata imiduga ibatahana i wabo basa n’abana batitaweho nk’uko bavyivugira. Ku bwa bo, gukina karate n’uko umuntu aba abikunda, kuko bisaba kwihanganira inzara, uburuhe n’umwanya, ariko barizera ko ibintu bizohinduka..

Ayo makuba ntashikira urwaruka gusa, n’abamenyereza b’imirwi batashoboye kwitaba ayo mahiganwa bavugana intuntu ko ari ku mvo z’ubukene, kuko gukura umurwi w’abana mu ntara za ruguru baza mu gisagara ca Bujumbura bisaba uburyo bwinshi. Ico kibazo bagihurizako na Bizoza Bernard. Ku bw’ivyo «bibwirwa benshi bikumva bene vyo», abo vyega basabwa kwikubita agashi maze bashigikire bimwe biboneka inkino mu gihugu c’Uburundi.

JPEG - 28.7 ko
imirwi y’abahungu yashitse mu gice ca kane
JPEG - 29.9 ko
bariko batanga imidari

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.