Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Vital’o uracari kw’isonga ry’amahiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Vital’o uracari kw’isonga ry’amahiganwa

Umurwi wa Vital’o uracari kw’isonga ry’amahiganwa

jeudi 9 Gitugutu 2014

Inkino z’indwi ya gatanu z’imirwi iri mw’ihiganwa rya Primus Ligue 2014-2015 zaraye ziheze, imirwi imwe imwe iguma yiyimbira icobo mu gusubira inyuma.

Nk’uko twari twabamenyesheje uko imirwi iza guhura ku ndwi ya gatanu y’inkino, izo zarabaye uku gukurikira:

1) Olympique yatsinze 2-0 Academie Tchite,

2) Flambeau de l’Est yanganije 0-0 na Nyanza United

3) Messager Ngozi yatsinze 2-0 Prince Louis

4) Volontaire yanganije 1-1 na Royal FC

5) Buja City yatsinzwe 1-2 na Inter Star

6) Vital’o itsinda 2-1 Messager Bujumbura.

Mwibuke ko Muzinga yatsinze 2-1 Lydia Ludic Academic S4A hamwe na Rusizi Fc yanganije na Atletico 0-0, aho hari kw’igenekerezo rya 07 Nyakanga 2014. Duharuye dusanga hinjiye ibitsindo 15 mu gihe mu ndwi ya kane hari hinjiye ibitsindo 13 gusa. Umurwi wa Vital’o uracari kw’isonga, ufise amanota 15 n’ibitsindo 10, uwanyuma k’urutonde ni Academie Tchite biboneka ko utorohewe kuko ufise ibirarane vy’ibitsindo 21(-21).

Imirwi irushanya uku:

Imirwi - Amanota

1. Vital’o : 15 - ibitsindo : 10

2. Altetico : 11 - ibitsindo : 3

3. Inter Star : 10 - ibitsindo : 9

4. Muzinga: 10 - ibitsindo : 4

5. Volontaire : 8 - ibitsindo : 4

6. Olympic Star: 8 - ibitsindo :2

7. LLB S4A: 7 - ibitsindo : 10

8. Messager Ngozi : 7 - ibitsindo : 1

9. Buja city : 7 - ibitsindo : 0

10. Rusizi FC : 7 - ibitsindo : 0

11. Flambeau : 6 - ibitsindo : 0

12. Royal : 5 - ibitsindo : 0

13. Messager Buja : 5 - ibitsindo : -1

14. Prince Louis : 3 - ibitsindo : -13

15. Nyanza United : 1 - ibitsindo : -10

16. Academie Tchite : 0 - ibitsindo : -21


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.