Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuryango wa Barack Obama wo muri Afrika ni munini cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umuryango wa Barack Obama wo muri Afrika ni munini cane

Umuryango wa Barack Obama wo muri Afrika ni munini cane

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Umuryango wo muri Afrika wa Barack Obama ni munini cane. Umunyakenya Malik Abongo Obama, ni umwe muri bene sewabo n’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika. Uwo rero aherutse kumenyesha ko azokwitoza mu matora yo kuba buramatari wo muri Siyaya imwe mu ntara zigize igihugu ca Kenya.

Avuga ko afitaniye imigenderanire myiza na mwenewabo Barack Obama, akaba anavyishimikiza mu kwiyamamaza. Malik Abongo Obama, yemeza ko Barack Obama yemeye kuzofasha kugira bateze imbere intara yabo. Amafoto afise barikumwe na Barack Obama niyo yishimikiza mu kwemeza ko azomufasha ariko aritoza.

JPEG - 16.2 ko

Kuva aho Barack Obama atanguriye kumenyekana mu 2004,abantu benshi bo mu muryango wiwe baciye batangura kuronderwa n’abamenyeshamakuru. Ariko abavuga ko bafise ico bapfana na perezida Obama ni benshi: abo bavukana indwi (7) aho harimwo abahungu n’abakobwa, ba mukase batatu (3) n’abagore ba sekuru batatu (3).

JPEG - 29.6 ko

Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.