Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuryango wa Micheal Jackson waraye utsinzwe imbere y’ubutungane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuryango wa Micheal Jackson waraye utsinzwe imbere y’ubutungane

Umuryango wa Micheal Jackson waraye utsinzwe imbere y’ubutungane

vendredi 4 Gitugutu 2013

Ishirahamwe AEG Live ritunganya ibiteramo vy’abaririmvyi ryaraye ryambitswe izera n’ubutungane mu rubanza ryari rifitaniye n’umuryango wa Micheal Jackson. Umuryango w’uwo muririmvyi ntukironse indishi y’akababaro iri hagati y’imiriyoni 900 n’ umuriyaridi n’inusi urenga z’amadorari wasaba.

Kuri uyu wa gatutu urangiye, ishirahamwe AEG Live ryariko ritunganya urukurikirane rw’ibiteramo “This is it” vy’umuririmvyi Michael Jackson ryambitswe izera n’ubutungane. Aho hari mu rubanza iryo shirahamwe ryari rifitaniye n’umuryango wa Micheal Jackson. Umuryango w’uwo muririmvyi rurangiranwa wagiriza iryo shirahamwe kuba ryaragize urwangara ku buzima bwa Mickeal Jackson mu guha akazi umuganga ataco ashoboye ngo akurikirana ubuzima bw’uwo muririmvyi. Uwo muryango ukaba wasabi indishi y’akababaroiri hagayi y’imiriyoni 900 n’umuriyaridi n’inusu urenga mu mahera y’amadorari.

JPEG - 35.7 ko
Abo mu muryango wa Micheal Jackson

Mu vyagiriji vy’umuryango wa Mickeal bavuga ko umuganga Conrad Murry yakurikirana ubuzima bw’uwo muririvyi yahawe akazi n’ishirahamwe AEG Live. Iri naryo ngo ryari rizi neza ko uwo muganga atazi kuvura. Ariko iryo shirahamwe ryo rimenyesha ko umuganga Murry atariryo ryamuye akazi. Ubutungane bwa Leta ya Californie bukaba bwari bumaze amazi atanu bwiga urwo rubanza, imbere yo gufata ingingo yo kweza iryo shirahamwe.

Twokwibutsa ko umuririmvyi Micheal Jackson yitavyimana kw’igenekerezo rya 25 Ruhenshi 2009 ku myaka 50. Akaba yahitanywe no kuba yafashe urugero rurenze rw’umuti usinziriza witwa “Propofol”. Mu 2011, umuganga yakurikirana ubuzima bwa Micheal Jackson akaba yaciriwe umunyoro w’imyaka 4.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.