Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikiranganji w’umwirabure mu Butariyano yagereranijwe n’imamfu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umushikiranganji w’umwirabure mu Butariyano yagereranijwe n’imamfu (...)

Umushikiranganji w’umwirabure mu Butariyano yagereranijwe n’imamfu (Orang-outan)

jeudi 1er Myandagaro 2013

Cécile Kyenge umwe mu bashikiranganji bagize Leta y’Ubutariyano asanzwe ari umukongomanikazi, avuga ko agiye gukora ukwo ashoboye kugira amacakubiri afatiye ku rukoba ari mu bantu bamwe bamwe ba batariyano ahere burundu.

Uyo mupfasoni avuga ko kuva abaye umushikirananji, ibitutsi amaze gutukwa bitagira ukwo bingana, abamutyoza babicishije ku buhinga ngurukana bumenyi eka n’abandi mu bari hejuru y’imwe mu migambwe, bamutuka babicishije mu binyamakuru. Ubu rero, ngo hari n’abandi bihaye ububasha bwo kumutukira mu manama ya politique. Avuga ko ibintu vyarenze urugero. Ariko n’aho biri ukwo, we ico ngo yihutira gukora ni ugufasha abo bose, abafise iyo ngorane y’amacakubiri.

Asaba ko hoba vy’ukuri impinduka mu vy’imibano ya bamwe mu batariyano. Kandi aremeza ko abafise ako kagorane ari bake cane. Avuga ko umwe wese afise uruhara mu kurwanya ako kabi. Cécile Kyenge abandanya avuga ko ahaze ibitutsi, aho avuga ko uwurongoye umugambwe uhurikiyemwo urunani rw’abo mu Buraruko aja mu bamurtyoza, ati biratangaje cane.

Uyo mupfasoni rero avuga ko kugeza ubu, hariho bimwe bimwe biriko birahinduka mu bijanye n’amacakubiri afatiye ku rukoba. Abandanya avuga ko agiye gukora ibishoboka vyose kugira habe impinduka, kandi akaba yiteze n’intererano y’abandi batariyano. Aheraheza avuga ko naho yatutswe n’umwe mu bayobozi b’ubumugambwe w’urunani rw’abo mu Buraruko ko Cécile Kyege ataho ataniye orang-outan, igikoko kiri mu bwoko bw’imamfu, we ivyo azobirengera akore ico ashinzwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.