IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hussein Radjabu na Hirari Ndayizamba bakuriwe inkoni ku gishitsi

Hussein Radjabu na Hirari Ndayizamba bakuriwe inkoni ku gishitsi

mardi 20 Nzero 2015

Umushingamateka Hussein Radjabu na Hilaire Ndayizamba bakuriwe inkoni ku gishitsi n’umushikiranganji Pascal Barandagiye ajejwe ubushikiranganji bw’ubutungane, ko batageza kuva mw’ibohero.

Umushikiranganji Pascal Barandagiye akaba yavugiye mu ntara ya Ngozi mw’ibohero ry’abagabo ahariko hararekurwa bamwe mu barai bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu canke abari bakwije ica kane c’umunyororo ko, abo bagabo babiri batarimwo mu bazorekurwa, haba mu b’ikingongwe c’umukuru w’igihugu canke mu bakwije ica kane c’umunyororo.

JPEG - 88.8 ko
Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD

Umushingamateka Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD yagirizwa ko yigenza nabi mw’ibohero rya Mpimba, aha umushikiranganji akavuga ko yagumuye abantu mu minsi iheze ko yagira arekurwe, abantu bagakubita bakuzura imbere y’ibohero, nayo Ndayizamba akagirizwa ko abesha, atarimwo muri ico kigongwe c’umukuru w’igihugu, kandi ivyo kurwara navyo, umushikiranganji Barandagiye akamenyesha ko ariko aravurwa.

Mukamenya ko abantu bagera ku 4938 aribo bamaze kurekurwa yaba mu kigongwe c’umukuru w’igihugu canke ku bantu bamaze gukwiza ica kane c’umunyororo, mu gihe hari hitezwe ko harekurwa abantu bagera ku bihumbi 3.


Aristide Nizigire

Messages

  • Rajabu ntagire ikibazo umusi wewe uriho.Niyavayo niwo musi Peter azokajamwo.Ivyo ntibitagaje.Ariko Imana Peter asenga Imisi yose niyahehe?

  • Ntakundi birabonekako ubutungane bw’i Burundi bukorera umugambwe CNND-FDD nibihanga ubutegetsi buzohinduka baveyo.

  • Ntakundi birabonekako ubutungane bw’i Burundi bukorera umugambwe CNND-FDD nibihanga ubutegetsi buzohinduka baveyo.

  • YAPFUNGUYE BA BAHUTU BATWIBA IBITOKE N IMPENE AGUMYA UWOTANZE AKAZI AGAKORA POLITIQUE IMURWANYA MURI DD CANKE UPD !!!!..IYO NI VOLONTE POLITIQUE NTA RADJABU YOPFUNGURWA NA DD CANKE PETER NONE NTAVYO MUBONA>>????REKA GUTETA MWIZERA IBIDASHOBOKA...

  • shaaa jewembonako ububutegetsi bukwiye kutuvako vyakweli kuko buraturuhje

  • Mbe uwufunzwe yogumura abandi gute mugihe ata telefone afise atabintu vyogutuma tumanako amakuru afise canke leta yaramuhaye ibiro muri mpimba bituma ashobora kugira communication nabari hanze nimba atanakimwe murivyo yoba afise ahubwo rizoba ari irementanya murindi kuko uwukwanka ntakwipfuriza iciza. Ariko niharangwe intahe nijambo mugihugu c uburundi.

  • Namanaba wiyeko uwunyuranije na leta Ko abaribamwankabose Baca amugira umukunziwabo uwomugabo Rajabu akivugarikijana muri leta no muri CNDDFDD mwebwe muriko muragohota muvuvango arikwararenganywa simwebwe mwirirwamuvugango leta yononwe numukuru wumugambwe CNDDFDD Rajabu, ngokuko agezenako ahagiye gutemberera asigayashaka koyamirwa nkumukuru w’igihugu ngwagashakako bamuterera nibitoke? Mwebwe mwebwe!?.

  • ugufunze siwe agufungura niyihangane umunsi nisaha nibigera azavamwo

  • NDASHAKA KUBAZA ABOBIVUGISHANGO BARAKUNDA RAJABU GUSUMBABANDI BATUBWIRE AHOYAKOZE BAKAMUSHIMIRA IMBERE YOGUFUNGWA ARIKO MUBAMUFIZE NDAZIKO BASHOBORAKUVUGAKO YAKITEYE IGIHUGU IVYIZAVYISHI NUBWOMUNYUMA KAMUCIYEMWO AKAJAMUBINDI NDABABWIRAKO IYABA ABANTU BASABIMBABAZI BAKINAHO RAJABU AKUBAHUKA AGASABIMBABAZI NDAZIKO YOFUNGURWA MWEBWE MURIKO MURIJIJISHA MUVUGANGO MURAMUKUNDA NDAZIKO BITOBANEZERA UMUNTUYOCAYOBERWA IYOMUNYIKIYE CANKE MUGAHONDURA UTUNDITUZINA TWOGUTANGURA KUMURTYOZA.

  • Ntakundi mutama niwihangane nabo urabarindiriye ugira ivyo bariko bakora ko tutabahanze ico sigihugu namazira ntoke.

  • Ntakundi mutama niwihangane nabo urabarindiriye ugira ivyo bariko bakora ko tutabahanze ico sigihugu namazira ntoke.

  • nkurunziza asenga yesu,nico gituma mubona akora amakosa!

  • Nimwivugire basha murahaze. Ntakibi na kimwe Peter akora: arabavuriza abana kubuntu, bakiga kubuntu,bakavyara kubuntu, ibitaro, amabarabara,amashuri, ....vyinshi vyarubatswe kandi bikiriko. None ubu ivyo vyose mubiciyeko akarongo??? Raba Umutekano dusigaye dufise!!! Nabashatse kuducamwo mu Cibitoke mwabonye ayo babonye??UWUZORUKARISHA RUZOMUMWA, KANDI TURACABATWARA, TWARAGIFASHE NTITUZOREKURA. Uwumutima uhuha nabe aragura imiti ikwiye ya Hypertention canke Hypotention. Urazi Imyaka mwadutwaye mutwicayeko, mutwangaza??Ubu murahaze basha!!! NA BADO, subiri tu mutaona!!!!!

  • NYAKUBAHWA EL HAJI HUSSE RAJABU NUREME IMYAKA UMAZE UFUNZWE SIYO USIGAJE. IMANA USENGA IRAKUBONA KANDI ABARUNDI ISINZI TURAKWEMERA KANDI TURINYUMAYAWE,KUKO TURAZI ICOWAMAZE MURI CNDD FDD NUKOMERE ABAGUHEMUKIYE HAZOGERA IGIHE TUBACAKIRE.

  • wewe wiyise husen kuvuga ngo piter asenga yesu,ushatre kuvugako abatizera yesu kwari beza nonenkubaze al shabab na al qaida isis,ikorera muri silia na iraq bokoharam ikorera camerun na nijeriya twogutumayo wojakubabuza bidya birigwabarakorera iberemwa vyabandi nako ngo uwobizeye niwe yabibatumye murahumba basha mucamukuzim mucahe abitwa ayomazina yanyu protike mukoresha ntamurundi atayizi akarorero nisomariya teshwa mute na lajabu wanyu

  • Hariho birwarudubi bipfa kwandika batabanjije kwiyumvira mbe ninde atazi ko Rajabu bamurenganije bamurementarije muga niyihangane nabandi bose vbarikumwe sikera intwaro igirihinduke ababarementantirije babasubirire ubutungane buzobatunganirizaiyontwaro yagacinyizo ya CNDD turiko turayisezerera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.