Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushingamateka yaciriye mw’ijambo Jacob Zuma akajagari kaca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umushingamateka yaciriye mw’ijambo Jacob Zuma akajagari kaca (...)

Umushingamateka yaciriye mw’ijambo Jacob Zuma akajagari kaca karaduka

vendredi 13 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Umwe mu bashingamateka bo mu mugambwe utavuga rumwe na Reta yaciriyemwo umukuru w’igihugu Jacob Zuma mu gihe yariko ashikiriza ijambo ryiwe ry’umwaka.

JPEG - 81.1 ko
Akajagari mu nama nshingamateka y’ Afrika y’epfo

Kuri uno wa kane, igenekerezo rya 12 Ruhuhuma, Julius Malema yari yamenyesheje abasanzwe bamwegereye, ko atazokwemera ko Jacob Zuma ashikiriza ijambo ryiwe ry’umwaka ngo agende atavuze. Imvugo rero yabaye ingiro , akimara iminota itanu gusa ariko ashikiriza ijambo ryiwe Jacob Zuma, uwo mushingamateka yaciye ahaguruka atangura kumubaza kuvyerekeye ya dosiye y’ubunyonyezi bw’amafaranga ya Reta yoba yarakoreshejwe mu gusubiramwo inzu yiwe.

Umwe umwe inyuma y’uwundi abo bashingamateka bagiye bahaguruka babaza ico kibazo nyene, bati turashobora kubaza umukuru w’igihugu ryari azokwishura amafaranga yanyonyeje nk’uko yabisabwe n’umuhuza wa republika. Ni agashavu kenshi cane umukuru w’inama nshingamteka Baleka Mbete yaciye asaba abo banshingamateka batowe mu mugambwe EFF kwica. Inyuma y’iminota mirongo harako kajagari, yaciye afata ingingo yo gusohora abo bashingamateka akoresheje abajejwe umutekano, hakaba hariho n’abakomeretse nk’uko ikinyamakuru Jeune Afrique kivyigana.

Jacob Zuma akaba yagiye kubandanya ijambo ryiwe inyuma y’isaha irenga , ariko ica kane c’abashingamateka basohotse


Floxella Karire

Messages

  • Ayorero nama democrasi yokwubahuka umu prezida wigihugu nkakokagene!? Uwomuntu yakoze ibindakwiye gukorwa peeeeee!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Ntamuntu numwe atazi ko Malema atagira indero nomuvyavuga vyose ntanakimwe cubaka nukugumura gusa kandi ntabandi bamurinyuma atari babandi batigeze baca mwishure naho woba utavuga rumwe nubutegetsi ntushobora guciramwo umukuru wigihugu mumwanya wijambo ryiwe muramureka akavuga hama ahejeje mukamubaza ahejeje nahonyene bishobotse

  • Kirya gihugu carahise,aho rero niho demokarasi ya shinze imizi.nkubu araha iwacu muburundi yaca arara yishwe..

  • makanda, ndatangaye cane nivyo wanditse ngo iyo niyo democratie gucira mwijambo umukuru wigihugu!!!! ahubwo iyo ni (impolitesse) umukuru wigihugu umwemera utamwemera utegerezwa kumusonera tant ke akiri mu mabanga yiwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.