Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya

Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Francois Hollande yatangaje ko umusirikare w’umuFaransa yishwe.

Uyo musirikare yishwe igihe yariko atana mu mitwe n’intagondwa z’aba islam mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Ubushikiranganji bw’igihugu c’Ubufaransa bujejwe kwivuna abansi, buvuga ko intagondwa z’aba islam bagera ku 20 nabo nyene bishwe mur’iyo ndwano, yabaye inyuma y’aho abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa hamwe n’abasirikare b’igihugu ca Mali, bakoreye ibitero mu bibanza, abo bagwanyi binyegejemwo ku musi wa mbere.

Uyo musirikare w’igihugu c’Ubufaransa yishwe, yari mu murwi w’aba Parashutistes. Abaye umusirikare agira kabiri w’Umufaransa yiciwe mu gihugu ca Mali, kuva aho abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa binjiriye mu ndwano yo mu gihugu ca Mali mu kwezi kwa Nzero uyu mwaka.

Francois Hollande yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru igihe yari mu rugendo mu gihugu c’Ubugereki ejo ku musi wa kabiri, uwo munsi umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Mali, Diango Cissoko, yariko aragira inama n’abategetsi mu gihugu c’Ubufaransa.

Ibiro vy’abafaransa bijejwe gutangaza amakur bivuga ko Cissoko yavuze ko umutekano wifashe neza mu gihugu ca Mali mur’iki gihe kandi ko ibitero bikomeye vya gisirikare biriko biragabanuka.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.