Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya

Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya

dimanche 13 Nzero 2013

Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya,uw undi ntawuzi irengero ryiwe i nyuma y’igikorwa co kubohoza umufaransa yafashwe.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu c’u Bufaransa, Jean-Yves Le Drian, yavuze ko abasirikare badasanzwe b’abafaransa ico gikorwa kitaboroheye kandi n’uwo mufaransa yafashwe mpiri ngo ashobora kuba yishwe n’ivyihebe vyari bimufise.
Yavuze kandi ko abarwanyi b’intagondwa z’abayislamu 17 nabo bapfuye.

Umugwi w’intagondwa za Al-Shabab watangaje ko uwo mugabo yari yagiye kutata akiri muzima kandi ko hari umusirikare w’umufaransa ari mu maboko yawo.
Abanyagihugu baba i Bulo Marer, mu maja epfo ya Somaliya bamenyesheje ko ukuntu abasirikare b’abanyamahanga baje mu ndage ya kajugujugu yahagaze ku gisenge c’inzu yakoreshwa n’intagondwa z’abayisilamu.

Bavuga kandi ko abanyagihugu bane barimwo umugore yibungenze bashobora kuba bahasize ubuzima igihe intambara zariko ziraba.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.