Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umusoda yishe Ousama Ben Laden yavyemanze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umusoda yishe Ousama Ben Laden yavyemanze

Umusoda yishe Ousama Ben Laden yavyemanze

vendredi 7 Munyonyo 2014

Umusirikare w’umunyamerika yarashe Ousama Ben Laden yavuye mu gacerere aremanga ko ariwe yamugemye mu mutwe. Hari mu gitero cagizwe n’igisirikare co mu mazi (Navy Seal) co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika barondera umukuru w’murwi w’iterabwoba al-Qaïda.

JPEG - 53.4 ko
Robert O’Neill yarashe Ousama Ben Laden

Inyuma y’igitero cakozwe n’abasoda b’abanyamerika bakorera mu mazi (Navy Seal)barondera kwica Ousama Ben Laden yararongoye umurwi al-Qaïda, umusoda yamurashe mu mutwe agapfa yavyemanze. Robert O’Neil w’imyaka 38 avuga ko igihe bagira ico gitero wewe yagira kabiri imbere, bariko barinjira Ousama yarabumvise aca ashaka gusunikira hanze umugore bari kumwe mu cumba. O’Neil wewe yaciye yiruka arengana uwari imbere yiwe, maze aca abona Ousama. Avuga ko yamumenyeye ku marori yari yambaye yamufasha kubona mw’ijoro, aca aramurasa urusasu rwo mu mutwe. Ousama aba arapfuye.

JPEG - 273.2 ko
Ousama Ben Laden

Ayo makuru Robert O’Neill yayatanze ku kinyamakuru "Washington Post" abandanya amenyesha ko igihe bagira igitero c’igenekerezo rya 2 Rusama 2011, yarafise imyaka 15 y’uburambe mu gisikare co mu mazi (Navy Seal) aho yari mu murwi wa gatandatu (Unite Six). O’Neil yabivuze mu gihe umukuru w’igisirikare co mu mazi (Le chef des Navy Seals) Brian Losey yari yagabishije uwuzohirahira akamena iryo banga kuko biri mu mategeko y’igisoda. O’Neil wewe avuga ko yashatse gukura uruntu runtu rwavugwa ku wishe Ousama Ben Laden.

Ibitero ku nyubakwa World Trade Center vyagiriye umuhari wa Al Quaida

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.