IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umutahe wo gufata Zebiya Ngendakumana waramaze gusohoka

Umutahe wo gufata Zebiya Ngendakumana waramaze gusohoka

jeudi 30 Gitugutu 2014

Abarundi babiri kugeza ubu nibo bariko baragirwako amatohoza ko boba bakorana n’imirwi y’iterabwoba nka al shabab na al quaida nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, Helmenegilde Harimenshi akaba avuga ko hari imirwi y’ubukozi bw’ikibi itatu kugeza ubu imaze kwibonekeza mu Burundi. Ibikorwa vy’abihevyi, abiheka inyuma y’iajambo ry’Imana mu guturira n’abasuma bamaze iminsi bagisibije mu ntara za Bujumbura Rural, Mwaro na Bujumbura Mairie. Kuri ivyo, umuvugizi w’igiporisi akaba ashikiriza ko ibihugu bimwe bimwe vyagiye gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, bimaze kugirwako ibitero ari naco gituma no mu Burundi bategerezwa kurikanura.

Nayo ku bivugwa n’abantu bamenyesha ko bafise amajambo y’Imana canke ubutumwa bashaka gushikiriza, Harimenshi avuga ko ayo majambo usanga arimwo imvugo zirtyoza bamwe canke ziturira, eka zigaca ivutu abanyagihugu. Aha akaba yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko Zebiya Ngendakumana umwigeme wo mu ntara ya Kayanza afise abakirisu bamuyoboka hagize uwumubona yoca atabaza, kugira ashirwe imbere y’ubutungane, n’umutahe umurondera ukaba waramaze gusohoka. Eka muri abo bari bafise ubwo butumwa hakaba harimwo n’umunywarwanda Damascene Gakwaya, ubu nawe nyene akaba apfunzwe ariko aragirwako amatohoza.

Mwomenya ko abamaze iminsi bahungabanya umutekano mu ntara za Bujumbura Rural, Mwaro na Bujumbura Mairie ari uturwi tw’abasuma nk’uko umuvugizi w’igiporisi abimenyesha, ndetse akavuga ko hari imvugo ndenzarugero ikoreshwa kuri utwo turwi, abanyagihugu bavuga ko iyo mirwi y’abasuma ikomeye kuko igendana ibihiri n’imipanga eka no kwica ikaba yica.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nimurikanure Abo bangushi mubatuze nacane cane Ubwo butumwa bajabukana imbibe vyasaba ko buhera kunama bukabona kujabuka imbibe

  • Mutubarize neza ngo mu basoda barinda Peter nkuru ngo barinjiwemwo n’abo hakurya ya kanyaru. Ubu ngo umukuru w’igihugu asigaye atinya gusohoka agiye kukazi akabanza akohereza denise bu10 ngo atangure aje imbere.

  • Inz’ishaje ibagito. Aba CNDD-FDD bakija kubutegetsi abantu baragize icizere kw’ibintu bizogenda neza duheruka Imana ivugwa cane,none ubu Zebiya bamuhiga buhongo nk’umwasaya atan’imbugita agendana. Ivyo vyose babigira ngo banezereze Catolique aliko s’Imana(ivyo vyose n’ugusaza kw’ubutegetsi butakimenya ibihanze igihugu)

  • Ewe mana yanje ubu uburundi busigaye ari nko mumuriro udahera kubera izo mva za bo bukingiye nibo babutoteza,
    Ooh my God! Tumuogope mungu jamani...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.