Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umutekano w’Abamenyeshamakuru ba Somaliya wahagurukiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umutekano w’Abamenyeshamakuru ba Somaliya wahagurukiwe

Umutekano w’Abamenyeshamakuru ba Somaliya wahagurukiwe

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Reta ya Somaliya yafashe ingingo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2013 yo gutanga agashimwe kangana amadorari ibihimbi 50 000 kuri uwo wese azotanga amakuru afasha mw’ihagarikwa n’ihanwa ry’abo bose bica abamenyeshamakuru.

Nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafrique abimenyesha,umukuru wa sendika y’abamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Somaliya,Mohamed Ibrahim yarashimye ivyamenyeshejwe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Somaliya,ku bijanye n’akigoro ka Leta y’ico gihugu mu kurondera ubutungane ku bamenyeshamakuru bishwe.

N’imiburiburi abamenyeshamakuru 18 barishwe mu mwaka uheze muri ico gihugu casinzikajwe n’intambara. Ariko gushika ubu ntan’umwe arafatwa ngo ahanwe kubera ico caha co kwica abamenyeshamakuru.

Nk’uko umushikiranganji yabimenyesheje abicishije kuri Twitter yiwe,ngo iyo hapfuye umumenyeshamakuru umwe bisigura ko urwego rw’abamenyeshamakuru ruba ruhomvye ikintu kinini. Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya yamenyesheje ko hari ibiriko birahinduka mu butungane kugirango abagirizwa ivyaha vyo kwica abamenyeshamakuru barenguke imbere y’ubutungane.

Abamenyeshamakuru benshi bo muri Somaliya barishwe mu bitero vy’amabombe,abandi barahohotewe n’umugwi w’aba shebab uri kumwe na Al-QaÏda.

Umukuru wa sendika y’abamenyeshamakuru yarashimye kandi ivyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere ku bijanye n’ubutungane hamwe no kwubaha ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, harimwo no gusaba ko sentare y’iyungururizo yokwihweza urubanza rwaciriwe umumenyeshamakuru rwo gufungwa umwaka wose inyuma y’aho akoreye amatohoza ku bijanye n’ihohoterwa rifatiye ku gitsina.

Umumenyeshamakuru Abdiaziz Abdinuur yari yagirijwe mu ntango za kuno kwezi kwa kabiri ko yarengeye inzego ari kumwe n’umukenyezi yamuhaye ikiganiro, yamenyesha ko yahohotewe na bamwe mu bagize inzego z’umutekano.
Abababuranira barunguruje urwo rubanza rwavuzweko vyinshi kw’isi yose. Kur’urwo rubanza nyene, umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban-Ki Moon yamenyesheje ko yatangaye cane.
Igihugu ca Somaliya kiri mu ndyane kuva mu mwaka w’1991, ariko Leta nshasha ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yarashizweho mu kwezi kw’9 umwaka uheze.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.