IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwutwara sentare y’intango mu Rumonge yarahagaritswe

Uwutwara sentare y’intango mu Rumonge yarahagaritswe

vendredi 23 Myandagaro 2013

Mu ntara ya Bururi, komine Rumonge, mu bumanuko bw’Uburundi, igipolisi kidasanzwe kirwanya igiturire carahagaritse ku munsi wa kabiri, umukuru wa sentare y’intango kimwagiriza kurya igiturire.

Uwo mukuru wa sentare y’intango mu Rumonge yagirizwa kuba yarakiriye igiturire c’amafaranga ibihumbi mirongo irindwi y’amarundi, atanzwe n’umwe mubaburana, imbere y’uko urubanza rusomwa.

Abanyagihugu bo muri komine Rumonge banezerejwe n’iyo ngingo y’ihagarikwa ry’uwo mukuru wa sentare y’intango kuko kenshi hahora havugwa igiturire mu gisata c’ubutungane.

JPEG - 17.9 ko
Angèle Barumpozako, umukuru w’igipolisi kidasanzwe kirwanya igiturire( Photo: iwacu-burundi.org )

Igipolisi kidasanzwe kirwanya igiturire ni urwego rwashizweho mu ntumbero yo gukurikirana iyubahirizwa ry’intwaro ibereye mu Burundi. Urwo rwego mu mirimo yarwo ya minsi yose rukorana na sentare irwanya igiturire.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyo nivyiza cane ariko kandi turasaba ico gipolice gitange numero de télephone zabo tubereke abarya ibiturire mugo rwego rwubucamanza hama babakorereko . ndabasavye murazimpa jewe ndabahe info nuko bofata umucamaza yamaze kuba rurangirarwa mukurya Ruswa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.