IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvugizi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA yishwe n’abantu bataramenyekana

Umuvugizi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA yishwe n’abantu bataramenyekana

mardi 8 Nyakanga 2015

Umuvugizi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA Patrice Gahungu ,yarishwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuwa mbere igenekerezo rya 7 Nyakanga 2015,ariko arataha ku muhana iwe muri zone ya Gihosha muri Komine ya Ntahangwa.

Amakuru ava mu muryango wiwe amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro,igihe abantu barasa imodoka y’umuhisi ku gice giherera imbere ahicara uwutwara imodoka.Patrice Gahungu yateye yitaba Imana muri iryo joro nyene.

Mu gipolisi bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane,maze bashirwe imbere y’ubutungane.

Mwomenya ko umukuru w’umugambwe Zedi Feruzi nawe haheze amezi atatu agandaguwe n’abantu bataramenyekana,bamusanze hafi yaho yaba,muri zone ya Ngagara,hari kw’igenekerezo rya 23 Rusama 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.