Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuyagankuba ugiye gutezwa imbere muri Afrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umuyagankuba ugiye gutezwa imbere muri Afrika

Umuyagankuba ugiye gutezwa imbere muri Afrika

dimanche 30 Ruheshi 2013

Umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika Barack Obama mu rugendo arimwo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, hitezwe ijambo ahava ashikiriza kuri uyu w’Imana rijanye n’imiriyadi indwi zizofasha mu gukwiragiza umuyagankuba mu Bumanuko bwa Sahara.

Nk’uko bimenyeshwa na Maison Blanche, ni umugambi wa Leta zunzubumwe z’Amerika wo gufasha akarere kari munsi ya Sahara wiswe « Power Afrika.»
Uyo mugambi rero ukazofasha mu kugwiza na kabiri umuyagankuba wahora ukoreshwa. Nk’uko rero bivurwa na Maison Blanche, ibice bibiri vya bitatu vy’abanyagihugu bo mu Bumanuko bwa Sahara ntibagira umuyagankuba, nayo ibice 85 kw’ijana vy’abanyagihugu baba mu vyaro nta muyagankuba bari biteze muri iyi myaka itanu.

Uwo mugambi wa Power Afrika, uzofasha kandi mu gucukura ubutare bwiraye muri Afrika, ndetse n’ukurondera ahandi henshi buri gushika ubu hatazwi. Ibindi bitazosigara inyuma, n’ibitoro muri uyo mugambi wa Power Afrika. Uyo mugambi wa Leta zunzubumwe z’Amerika ngo uzotuma Afrika itera imbere. Ibihugu rero bizotangura gukorerwamwo uyo mugambi wa Power Afrika ni Tanzaniya, Kenya, Nigeria, Liberia, Ethiopia na Ghana.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.