IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umuyobozi w’ibohero rya Gitega yakuwe mu kazi

Umuyobozi w’ibohero rya Gitega yakuwe mu kazi

vendredi 9 Gitugutu 2015, par egide

Emmanuel Niyonkuru yahora ariwe muyobozi mukuru w’ibohero rya Gitega yakombowe mu mabanga yahoramwo. Yasubirijwe n’umuporisi azwi kw’izina rya OPP 2 Félicien Ningaba.

Uwo yahora ari umuyobozi w’ibohero rikuru rya Gitega, Emmanuel NIYONKURU, yari asanzwe yanonosoye ivy’amategeko, akaba yakuwe mu kazi inyuma y’umunsi umwe gusa hagiye mu ngiro ingingo y’ugupfungira mu kibanza ca bonyene abanyororo 28 bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Amakuru ava mu begereye ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Gitega amenyesha ko Emmanuel NIYONKURU yoba azize ko atorohereje abaporisi bari baje gushira mu ngiro ingingo y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, yo gupfungira mu kibanza ca bonyene abanyororo 28 bagiriza gushaka guhirika ubutegetsi.

Iyo ngingo yagiye gushirwa mu ngiro ku munsi ugira gatatu, vyari vyananiranye, habanje kuzanwa abaporisi barenga ijana bari barongowe n’umukuru w’igiporisi mu ntara zo hagati mu gihugu, komiseri AYUBU, uwurongoye igendereza mu ntara ya Gitega, hamwe n’umuyobozi w’ibohero rya Gitega, bakaba babanje kwugariza kuri uwu wa kabiri ibohero rya Gitega, ahapfungiwe abanyororo bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Abo baporisi bambaye inkinzo bafise nivyuka bikoroza amosozi bakaba bahavuye binjira iryo bohero bashira mu ngiro iyo ngingo.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • akuwe.hageze.nono.uwumugaboyanigana.iwweyaroyigemye.ahubwobagizeneza.yatokuzobatorokesha.naveho.myagukomamyina

  • aho niho tuvugako ubutegetsi buriko burakora intagondwa zidashaka gukwirikiza amategeko zizezirabogozwa. Usanga yarumututsi ntakundi yokoze !! yashaka ko aboharimwo benewabo batupfungigwa ahabonyene kandi mugizevyo yohavuye abakura mwibohero, niharambe ubutegetsi twitoreye.

  • aho niho tuvugako ubutegetsi buriko burakora intagondwa zidashaka gukwirikiza amategeko zizezirabogozwa. Usanga yarumututsi ntakundi yokoze !! yashaka ko aboharimwo benewabo batupfungigwa ahabonyene kandi mugizevyo yohavuye abakura mwibohero, niharambe ubutegetsi twitoreye.

  • Junja wew urijunja ryanyoko.urabanza umenye gutandukanya indome.

  • NIBA YARINTUNVA NASHIMIGWE NABANDI BABONEREHO USANGA NAWENYENE YARINCUTI YABASHATSE GUTEMBAGAZ UBUTEGETSI BAMENYEKO BAZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA HANYUMA NIHARAMBE NKURUNZIZA NABAGUMYABANGA MWESE IYOMUVA MUKAGERA MUBANDANYE MWARARA NKAYANKONA.

  • ahubwo ni ukuraba ko atawo bari basangiy umugambi yahasigaye

  • Niyaba yazize ko yakurikije la loi internationale du respect des detenus, ni umushigantahe. Il devrait se féliciter d’être humain au milieu d’une administration nationale de gérée par les loups!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.