IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Rutovu yishwe

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Rutovu yishwe

samedi 9 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Rutovu mu ntara ya Bururi yishwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, abandi bantu babiri barakomereka mu bitero vyabereye mu Rutovu hamwe no muri komine Mugamba.

Uwo muyobozi yagandaguwe ni Furera Siriveri NIMIRIJIMANA, akaba yarashwe n’abantu bamutegereye atashe nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, akaba yari avanye n’abigisha bari bahejeje igikorwa c’ugutanga amanota ku banyeshure.

Uwarashe uwo muyobozi ntawamubonye, mu giporisi mu Rutovu bakavuga ko amatohoza ariyo azotanga umuco.

Uwundi muntu umwe yararashwe muri komine Mugamba n’abaporisi aca aritaba Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu nyene, uwundi muntu umwe arakomereka.

Mu gihe abanyagihugu bagiriza igiporisi ko carashe mu banyagihugu batekanye, mu giporisi bavuga ko abarashwe muri komine Mugamba bahitanwe n’amasasu yigenza abajejwe umutekano basohoye bariko bakurikirana uwitwa Janvier yagirizwa ko ari umurwanyi, mu giporisi bakaba bavuga ko yariko anywera mu bunywero bwarimwo abo banyagihugu.

Abari muri ubwo bunywero bwarasiwemwo umuntu basaba abajejwe umutekano ko bokoresha ubuhinga bigishijwe mu gukurikirana uwuba afise ivyo yagirizwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.