IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umuyobozi wa ETS Kamenge yabogojwe mu mabanga

Umuyobozi wa ETS Kamenge yabogojwe mu mabanga

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Umuyobozi w’ishure ry’imyuga rya ETS Kamenge ari kumwe n’umuyobozi w’ubuhunga kuri iryo shure, babogojwe mu mabanga yabo, bakaba bazira kunanirwa gushira ku murongo abo bajejwe kurera, n’akajagari kahamaze iminsi.

Abatari bake bakaba bari bamaze iminsi basaba ko uyo muyobozi Desire Manangirakamaro yokurwa mu mabanga yiwe, kuko ari mubatuma indyane ziguma zibonekeza kuri iryo shure, afashanije n’akarwi k’abanyeshure harimwo uwitwa Komiseri bivugrwa ko, ari umukuru w’imbonerakure za CNDD FDD kuri iryo shure rya ETS.

Ikurwa ry’uyo muyobozi rikaba rishitse mu gihe abanyeshure bwaca bagaruka kwiga, inyuma yaho birukaniwe kuri uyu 1 Ruhuhuma uyu mwaka ku muhingamo. Ikurwa ry’uyo muyobozi rero bikavurwa ko rishobora gutuma hagaruka agahengwe, n’icuka ciza, hagati y’abarezi n’abanyeshure, na rirya ari no mubatumye ukuri kw’ihabwa ishano ry’umunyeshure kutamenyekana, kuko yoba yaguma ayovya amatohoza, mu gushinga imirwi irimwo abayoboke biwe gusa.

Ikurwa rya Desire Manangirakamaro ryemezwa nu bushikiranganji bw’amashure matomato n’ayisumbuye, nk’uko bivurwa na Juma Edouard umuvugizi w’ubwo bushikiranganji.


Aristide Nizigire

Messages

  • Bagize neza gufata iyo ngingo yo gukura uwo muyobozi,abanyeshure n’abigisha bazokwubahana hagati yabo.

  • None gayemwe ,umuyobozi muzima ananigewa nukugira ico avuze kubwibiri kubera mu kigo areongoye hari hasigaye iki kugira abogozwe?Ahubwo iyo atabogozwa vyoyerekanyeko ari nabamushigikiye kandibakomeye ahubwo ni nkabo twumva ngo ni imbonerakure barabe neza kuko bueraca bugacana ayandi.Nayo abo bemera gukoreshwa k’utumanyu twudutsima bazeregwe nkababazwa nabo biyita bakomiseri bakiri abanyeshure mbe uwobashinga posta ha ni ( )Mana bandanya utwibuka twebwee abarundi utugareukire kuko tugeze habi ,ntawundi twizigiye yodutabara atari wewe kandi turizeyeko vuba uzatwishura

  • Eduard Nduwimana azobakwirikira kuruyu wambere

  • ETS Irazutse!gusa DT Ninzirakarengane,bamusubiz amabanga yarajejwe!

  • Ivyo vyaribikwiy kwigisha bamwebamwe murwaruka bakareka guhendwa nabobagabo bifitiye ama diplome benshi bize hanze nabo ntibagira na humanite

  • abarez bameze nka desire bariho kandi barakwiy kwikebuka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.