IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yagenye uwuserukira abanyeshure (...)

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yagenye uwuserukira abanyeshure batamwumvikanyeko

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yarungikiye urwandiko umunyeshure amumenyesha ko amugenye guserukira hamwe no kurongora ishirahamwe rihurikiyemwo abanyeshure FER (Fraternité des Etudiants de RUMURI), naho batavyumvikanyeko na banyene guhabwa uwubaserukira.

Uwo yagenywe kurongora ishirahamwe ry’abanyeshure FER azwi kw’izina rya Ernest Nzambimana. Ikiringo ciwe co gutwara iryo shirahamwe yari yagisozereye kuwa 23 Mukakaro 2013, akaba ari nawe yari arongoye iryo shirahamwe mu mwaka w’ishure wa 2011 ushira uw’2012. Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi baramwiyamirije mu gihe yari ashaka kwitoza kugira aserukire abandi banyeshure. Muri ico gihe, amatora yahavuye ataba, abanyeshure bakaba baciye bamara amezi indwi badafise uwubaserukira kubera ingorane z’amoko yariko aravugwamwo muri ico gihe. Muri ico gihe nyene rero, umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza yari yamenyesheje ko atazokwigera yemeza umunyeshure n’umwe mu gihe cose abanyeshure bazoba bataritorera ababarongora.

Muri iryo kete Gaston Hakiza yandikiye uwo munyeshure Ernest Nzambimana, yamusavye ko yoshiraho abo bahora bakorana kugira babandanye baserukira iryo shirahamwe, ndetse ubwo buyobozi bukamwemerera ko buzomufata mu mugongo. Ubwo buyobozi bwagiriyeko bugabisha abo bose bogerageza guhungabanya umutekano ko bazohanwa bikomeye.

Ku ruhande rw’abanyeshure, bavuga ko iyo ngingo y’umuyobozi mukuru wa kaminuza y’Uburundi yerekana neza ko ubwo buyobozi bwivanga mu bikorwa vy’iryo shirahamwe ry’abanyeshure. Abanyeshure babona ko ivyo ari ibishaka gucanishamwo abanyeshure hamwe no kubasamaza kugira bibagire ivyo bariko barasaba nk’isubirwamwo ry’ivyerekeye agafashanyo abo banyeshure bahora baronka.

Mw’ikete abaserukira abandi banyeshure (les délegués généraux) muri kaminuza y’Uburundi banditse, bariyamiriza ingendo y’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, bagasaba bagenzi babo gufatana mu nda ntibemere kujanwa na bamwe mu bayobozi bashaka gukoresha bamwe mu banyeshure kugira babacemwo imice. Bibutsa ko umuyobozi wa kaminuza ata bubasha na bumwe afise bwo gutora uwuserukira abanyeshure.

Tubibutse ko ugusubiza Ernest Nzambimana ku burongozi bwa FER bishitse mu gihe abanyeshure bari hamwe bose bariko basaba gusubiramwo ingingo zimwe zimwe ziriko zirafatwa muri iyo kaminuza ariko zitabashimisha na gato.


Floxella Karire

Messages

  • Iyo ni style nduwimana iriko ikwira tous les secteurs. Nduwimana ashinga abarongora imigambwe ata bubasha abifitiye. None hakiza naw ngo ashing uwurongora abanyeshule. Le système DD est très malade. Basigaje UbU naho kuza baratorera abageni abagabo.

  • Ndatangara can ah uwofashij gutorera inyishu ibibazo biri mur kaminuza y’uburundi ariw ahubwo abandanya gutuma bigwira araik bamenyeko abanyeshure nabo ubu bamenye gutandukanya icatsi n’ururo turazi iyo turiko turaja ntakuntu nakumwe boshobora kudusamaza ngo tuvyemere ntibizokunda barihenda cane la fraternite iracariho kandi izokwamaho

  • demokarisi yuburundi irateyimbere umwese avyutse yemeza uwashatse.umugera washikiye bose nambayiyo demok baharanira barikwirekera.

  • Harya ibintu vya kaminuza vyotegera uwayiciyemwo kuko nikintu gifise histoire ndende.Twe twahabaye kandi twahatwaye, mwomenya ko umbajije ivya kaminuza nomara toute une semaine nigana. rero, abanyeshure nibahebe kwinubana kuko iyo uvuye harya niho ubibona, bakomeze irya FER yabo naho nzi neza ko hari nabipfuza kwisenyuka mu banyeshule nyene na cana cane abagifise ASSER mu mutwe.Harya umu répresentant nawe burya ndamaze kubona numuntu muto, na recteur si kenshi babona,gusa abanyeshule bobo nitibabibona ngo bamufate mu mugongo.Amoko, imigambwe, kahise kabi,intara,.....biri mu bituma abanyeshule bibagora kuja hamwe.Ndazi neza nuyo batondako bourse arayishaka.reka kwinubana, egerane hama muyage,na recteur ntimumufate nkumwansi ahubwo abanyeshule nibasabe imibonano kuko ntayindi nzira.Umu representant ategerezwa kugira abo a representa naho aba representa kimwe kibuze ikindi ntigikunda.Ategerezwa gukorana na bategetsi hamwe nabanyeshule.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.