Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwaka urahera,abantu bagasaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umwaka urahera,abantu bagasaza

Umwaka urahera,abantu bagasaza

lundi 31 Kigarama 2012

Uko umwaka uheze usanga hirya no hino abantu bose baba banezerewe cane kubera umwaka baba bahejeje ndetse n’uwundi mushasha baba batanguye, koko nivyo kandi birumvikana kuko umwaka ni munini mu kuwuheza no mu kuwutangura umuntu ategerezwa kunezerwa.

Ikibazo rero n’uko uko umwaka uheze ubuzima bwacu nabwo buba buriko burahera kuko tuzi ko uko ibihe bigenda vyihuta ari nako iminsi yo kubaho kwacu ica igenda iragabanuka.

Nkuko tubizi , icizero co kuramba mubuzima giharurwa ufatiye ku myaka, ivyo babiharura bivanye naho umuntu ari canke n’ubuzima abayemwo. Nko mubihugu vyateye imbere usanga icizero c’ubuzima bwabo ari kinini cane gusumba mu bihugu biri mu nzira y’amajambere.

Niyo mpamvu uko umwaka uheze, igihe co kwizera ubuzima kiba kiriko kiragabanuka. Nk’akarorero mu gihugu cacu c’ U Burundi icizero c’ubuzima muri rusangi ni gito bisigura ko kimara imyaka mike, nimba rero umwaka uheze,abantu bari bakwiye kumenya ko uwo mwaka uheze uba uvuye kuri ya myaka yo kubaho maze kubimenya bikabasigira icigwa co kurushiriza gukora ivyiza kugira ngo bazosige inkuru nziza kuri iyi si, ikindi, kumenya ko uko umwaka uheze n’umuntu aba ariko aragabanya iminsi yo kubaho vyofasha umuntu kurushiriza gukura amaboko mu mpuzu agakora ibikorwa bimuteza imbere wenyene ubwiwe ndetse n’abiwe tutibagiye n’igihugu cacu muri rusangi.

Ikindi kumenya ivyo vyotuma umuntu arushirizaho kwubaha IMANA mu ntumbero yo gutegura iherezo ryiwe rya nyuma ry’ubuzima bwa hano kw’isi .

Si ukuvuga ngo tureke guhimbaza iminsi mikuru, kuko ikwiye kwubahwa no guhimbazwa na bose muri rusangi , ariko nitwishime tumenya ko, uko imyaka ihera ariko n’imyaka yo kubaho hano kw’isi iba iriko irahera maze bitume twiyumvira kw’iherezo ryacu.


Joel sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.