Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwambaro rurangiranwa w’abajejwe umutekano mu Bwongereza. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umwambaro rurangiranwa w’abajejwe umutekano mu Bwongereza.

Umwambaro rurangiranwa w’abajejwe umutekano mu Bwongereza.

lundi 21 Nzero 2013

Si agaseseshwa rumuri umwambaro w’abajejwe umutekano b’abongereza ni nk’icibutso ! abakerarugendo ntibasiba kuja kwirabira i defile y’abajejwe umutekano no kwifotozanya nabo bambaye iyo myambaro. None mwoba muyizi ?

Igisirikare c’ubwongereza kigizwe n’abo bita « Coldstream Guards » catanguye mu mwaka w’1661 ariko batanguye kwambara umwambaro tubabonana ubu mu mwaka w’1831. Uwo mwambaro ugizwe n’umutamana utukura wavuye kubahora bacungera umwami w’abami Napoleon wa mbere.

JPEG - 13 ko

Ibimenyetso bimwe bimwe biri kuri uyo mwambaro ,ibara ry ‘inkofero, n’ukuntu ibipfungo bitondetse vyerekana amapete nyene kuyambara aba afise. Ikintu kitibagirana muriyo myambaro yose ni inkofero yitwa BEARSKIN ikozwe mubwoya bw’idubu.

Iyo nkofero yatanguye kwambarwa inyuma y ;intambara y’ i Waterloo hanyuma ikwiragizwa muzindi ngabo mu mwaka w’1831. Bearskin ikorwa mubwoya bw’idubu buva muri Canada.
Inkofero imwe imwe igashobora gukorwa murushato rwose,nayo mu mwaka wose hagakorwa hagati y’inkofero 50 n’100, zifashwe neza zimwe muri izo nkofero zirashobora kuramba kurenza imyaka 10 bamwe ndetse bavuga ko irenza imyaka 100.

JPEG - 11.5 ko

Aba ColdstreamGuards ni bamwe mubasirikare bacungera umwamikazi nibo berekana agaciro k’igisirikare c’ubwongereza. Ako gaciro kakagaragarira mu : kwitanga, kwubaha, kuyoboka, mu bwizigirwa, mu ndero no mu butwari. Ivyo vyose bikabonekera munyambaro yabo itagira agasembwa.

Ni ba rurangiranwa kwisi yose mu minsi mikuru y’igisirikare c’u Bwongereza ubuhinga bwabo ntibugarukira ku myambaro gusa ariko n’abasoda bato bato barakurikirana izindi nyigisho zimara imisi 30 zigakurikirwa n’izindi zimara umwaka canke urenga .

Defile yabajejwe umutekano ni kimwe mubihe bikomeye mu kirimba ca Buckingham. Ni muri iyo defile ushobora kuboneramwo ingene izo ngabo zitunganijwe. Yama iba imisi yose kuva isaha zitanu kuva mu kwezi kwa Rusama gushika mu mpera z’ukwezi kwa Mukakaro, mu yandi mezi igakorwa rimwe mu minsi ibiri.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.