Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwamikazi yuguruye icese inyubakwa ya BBC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwamikazi yuguruye icese inyubakwa ya BBC

Umwamikazi yuguruye icese inyubakwa ya BBC

vendredi 7 Ruheshi 2013

Umwamikazi yaravye ibirori vy’umuziki yavugirijwe, agendera ivyumba bitegurirwamwo amakuru , aja no muri studio z’iradiyo ya BBC.

Umwakazi yavuze ko yizeye ko iyo nyubakwa nshasha, izofasha BBC gukora neza muri kazoza, atangaza ko yuguruwe icese kuri uyu mu wa gatanu igenekerezo rya 7 Ruheshi 2013.
Umwamikazi yagiye mur’iyo mirimo mu gihe umutambukanyi wiwe, umuganwa Philip ari mu bitaro mu gisagara ca Londres. Umuganwa Philip azokwiza imyaka 92 ku munsi wa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi 2013, vyitezwe ko azoguma mu bitaro gushika mu ndwi zibiri ziri imbere.

Bikumvikana ko umunsi mukuru uzohimbazwa ari mu bitaro vy’I Londres. Mu nyubakwa za BBC wari umunezero nk’uko twabishikirijwe na bagenzi bacu bakorera iyo radiyo, ku bona umwamikazi yateye iteka ivyo birori


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.