IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura: Amwe mu mashure akora nabi arazwi

Bujumbura: Amwe mu mashure akora nabi arazwi

samedi 3 Myandagaro 2013

Ibibazo vya Leta bikorwa mu mashure matomato n’ayisumbuye ni vyo bigaragaza ubumenyi butangwa n’amashure amwe amwe ari mu gihugu c’Uburundi. Ivyo bikaba biri ukwo mu gihe hari amashure usanga yigenjeje neza mu kibazo c’abana bo mu mwaka wa gatandatu, mu mwaka w’icumi no mu mwaka w’13.

Amashure amwe amwe y’abigenga akaba atungwa agatoke, haba ayo mu gisagara ca Bujumbura canke ayo hagati mu gihugu, ko abanyeshure usanga bamenye bose mw’ishure, ariko hagera aho baja mu mu mahiganwa n’abandi, ugasanga babaye abanyuma, ndetse ugasanga nta n’umwe yashoboye gutora ikibazo ca Leta. Mu mashure ya Leta hariho abakora neza nk’uko no mu mashure y’abigenga hariho abakora neza, kandi bigashimwa. Ariko, mu mashure y’abigenga hariho ayakora nabi cane, kandi amwe muri ayo arazwi, na cane cane ayo mu gisagara ca Bujumbura. Ayo akora nabi, abonekera muri vya bibazo vya Leta aho hashobora guca imyaka itatu ata munyeshure n’umwe amenye ikibazo ca Leta, nk’uko bimenyeshwa na bamwe mu bagenduzi b’inyigisho mu mashure matomato n’ayisumbuye.

Intumbero bene ayo mashure bafise si iyo gutanga ubumenyi ahubwo n’ayo gucuruza. Kuri ivyo rero, abafise amashure akora gutyo bofatirwa ibihano kubera ari ubusuma mu bundi. Abavyeyi rero bohagabira imbere yo kwandikisha umwana mw’ishure iri canke ririya, Kandi amwe amwe muri ayo arazwi haba mu y’intango canke mu yisumbuye. Abibaza rero ko ibiro bijejwe kugenzura indero mu mashure mato mato n’ayisumbuyearibo bajejwe kwugara mwene ayo mashure barihenda, kuko bobo baha icegeranyo umushikiranganji ajejwe indero hamwe n’ibiro bijejwe kugenzura indero muri rusangi. Urwo rwego nyene, nirwo rujejwe gukurikirana ingene inyigisho ziriko ziratangwa mu mashure, yaba aya Leta canke ay’abigenga, nirwo rushobora guha icegeranyo umushikiranganji hanyuma agashobora gufata ingingo.

Aho rero, ingingo zishobora gufatwa ni nyinshi. Muri izo, mu minsi ya mbere bashobora kubahanura kugira barondere abigisha babinonosoye ndetse n’abana bakigira mu masomero akwije ibisabwa n’amategeko. Mu gihe binaniranye ko bikosora, ishure rirashobora kwugarwa. Mugabo rero, ingingo yo kwugara ntifatwa gihutihuti, barabanza bagatohoza igituma abo bana batamenya nk’uko bibandanya bivurwa n’abakora mu bugenduzi bw’amashure y’intango n’ayisumbuye.

Mu gihe hariko harahinyanyurwa ingene inyigisho zigiye guhora zitangwa, intumbero ni ukwo umunyeshure aramuwe neza yoshobora kwironderera akazi bivanye n’ubumenyi yaronse. Kuri ivyo, hamwe ayo mashure y’abigenga amwe amwe yobandanya gukora nabi, vyotuma iryo hangiro ridashikwako.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.