Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwana w’imyaka 8 yirukanywe kw’ishure kubera kunuka cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umwana w’imyaka 8 yirukanywe kw’ishure kubera kunuka cane

Umwana w’imyaka 8 yirukanywe kw’ishure kubera kunuka cane

samedi 26 Ndamukiza 2014

Umwana w’umukobwa w’imyaka 8 aherutse kwirukanwa kw’ishure kubera akanuko kava ku mubiri wiwe bigatuma ibikorwa bihagarara mw’isomero. Uwo munuko n’abavyeyi biwe barawumuziko.

Amakuru atangwa n’ikinyamakuru NewsChannel11 co mu gihugu ca Reta zunze ubumwe, uwo mwana w’umukobwa w’imyaka 8 afise umunuko udasanzwe. Yicaye mw’ishuri abandi bana, eka n’abigisha ntibashobora gukora igkorwa c’abazindukanye.

Nk’uko baheruka kumwirukana mu ntango z’umwaka aho bamuhaye igihano c’iminsi 24 atahonyoza akarenge mw’isomero kubera ivyo bintu bimunukako, uwo mwana yasubiye kwirukanwa, ubu hoho yirukanywe burundu.

Ayo makuru atangwa n’ikinyamakuru "au feminin" avuga ko n’umuvyeyi Krystal Hensley aziko umwana wiwe afise iyo ngorane yo kunuka biteye ubwoba. Igitangaza uwo muvyeyi n’uko ako gakobwa kiwe koga iminsi yose. Baramujanye no kwa muganga ariko nta muti yaronse womukiza iyo ndwara .

Uwo mwana abonye basubiye kumwirukana yagize ati :"Ko mva muhira nje kurondera ubumenyi, munyirukanira iki?"


Chérif Nkeshimana

Messages

  • ako kana gatey’ imbabazi,kabisa nibagasengere kazokira kubw’imana yonyene!

  • birababaje pe!jewe numva ako kana ubwako ataco kazira.bari bakwiye kuraba izindi ngingo bofata kuko nawenyene arakeneye kwiga naho biruko kd ntawuzi ico azovamwo.jewe mbona ko bari kurondera ukuntu bomugirira isuku kenshi kumunsi bakananyandanya bamuvuza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.