Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwana wa mbere aciye ubwenge kw’isi yabonetse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwana wa mbere aciye ubwenge kw’isi yabonetse

Umwana wa mbere aciye ubwenge kw’isi yabonetse

lundi 11 Ruhuhuma 2013

umwana w’imyaka 3 yinjiye mw’ishirahamwe mensa rigizwe n’abantu bafise ubwenge burenze urugero. yitwa alice amos akaba avuka i guildfort(surrey) afise ubwenge bwo kumenya ibintu ivyo bita quotient intellectuel ingana 162 bica bituma aba mu bantu barengeje mu bwenge kw’isi.

uwo mwana ava mu gihugu c’ uburusiya yinjiye muri uyo murwi Mensa wo mu bwongereza mu kwezi kwa nzero aho rero niwe ari muto cane ugereranije n’abandi bana.

Abari muri ico kigo bashika kw’18 batarashikana imyaka yo kwiga ariko bafise ubwenge bwinshi.

JPEG - 53.4 ko

Uwo mwana alice gushika ubu afise ico bita quotient intellectuel ingana na 162 bisigura ko afise ubwenge busumba ubwa Napoleon Bonaparte we yari afise 145 asumvya na Sigmund freud yari afise 156.

Ako kigeme gasanzwe kavuga ikirusiya n’icongereza kandi karazi gusoma.
Ayo manota 162 kayaronse mu kibazo kakoze c’icongereza ubonako iki rusiya arirwo rurimi rw’amavukiro.

Tubamenyeshe ko umwongereza abayabaye afise QI ingana 100.


Sylvere Bavumiragiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.