Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwana yakorotse ava mw’igorofa Imana irakinga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwana yakorotse ava mw’igorofa Imana irakinga

Umwana yakorotse ava mw’igorofa Imana irakinga

mardi 7 Rusama 2013

Habaye igitangaza mu gihugu c’ubufaransa. Umwana w’umukobwa w’imyaka ibiri n’igice yararokotse, arwa ava mw’igorofa ya gatatu, ejo kuwa mbere muri Saint-Hubert de Sainte-Geneviève-des-Bois, ariko Imana irakinga ntaco yaba.

Habe n’ugukomereka, uwo mwana ntaco yabaye. Yaciye ajanwa ku bitaro Necker-Enfants Malades, biri mu gisagara ca Paris kugira agirirwe ibisuzumo, naho nyene ibipimo vyasanze adora.
Abamusanze aho ku bitaro bamenyesheje ko abavyeyi biwe vyabarengeye.

Hari nk’igihe c’isaha umunani z’umurango aho uwo mwana yuriye igihome, bibaza ko yakoresheje intebe, aca yegera idirisha. Amatohoza yakozwe ntiyashoboye kwerekana namba idirisha ryari ryuguruye canke ari ico kitazi caryuguruye. Kuri uwo mumanuko w’imetero cumi, uwo mwana yoba kandi yafashijwe n’ivyatsi birebire vyameze aho yaguye.

Ababa muri iyo nzu hamwe n’uwo mwana bavuga ko ata na kimwe bigeze bamenya kuko bari batwawe n’akazi. Bariko basubiza mu kibanza ivyari vyaraye bikoreshejwe mu rubanza bari bakoze buca haba iryo sanganya.

Abakora mu kigo co kwidagadura kiri hafi y’aho iryo sanganya ryabereye nibo babibonye ubwa mbere, babona kuja gutabara.

Abo muri ico gisagara bashikirije ko vyabahaye icigwa co kwitwararika kuza barakurikirana abana babo naho bitoroshe ko umuvyeyi yoguma ari inyuma y’umwana wiwe, na cane cane ko batwarwa n’ibindi bikorwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.