Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwana yasavye Michelle Obama akazi ka se wiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umwana yasavye Michelle Obama akazi ka se wiwe

Umwana yasavye Michelle Obama akazi ka se wiwe

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Michelle Obama yaraye abonye igitangaza igihe yagirana umubonano n’abana b’abakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu Barack Obama. Umwana umwe murabo yaciye asabira akazi se wiwe ari mu gashomeri.

Charlotte Bell afise imyaka 10, yari yitavye umubonano yatumiwemwo na Michelle Obama muri "Maison Blanche". Se wiwe nta kazi afise kuva mu mwaka w’2012 kandi yarafashije cane Obama igihe yariko ariyamamaza. Niko rero kwitaba uwo mubonano yitegekanije urupapuro rw’umwidondoro (curriculum vitae) wa se.

Michelle Obama ariko yakira abo bana, Charlotte Bell yaciye arumushikiriza. N’ikigumbagumba cinshi kubera ivyo uwo mwana agize, yamuyambiriye amupfumbatiye cane, n’amasozi ahakwa gukoroka.

Amaze kwakira rwa rupapuro agasanga koko uwo mugabo ashomereye kandi ashoboye vyinshi, yaciye abwira abaraho ati :"Uwu mwana arakoreye ikintu gikomeye se wiwe".
Nyina w’uwo mwana amenyesha ko Charlotte Bell yaguma avyidoga ariko ntiyibaza ko azohava abikora, none ng’uwo yaraye aronkeje akazi se wiwe.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.