Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuhindi : Umwana yavukanye imitwe ibiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubuhindi : Umwana yavukanye imitwe ibiri

Ubuhindi : Umwana yavukanye imitwe ibiri

lundi 17 Ntwarante 2014

Mu gihugu c’Ubuhindi havutse umwana w’umukobwa afise imitwe ibiri, amazosi abiri n’igiti c’umugongo kirimwo bibiri.

Kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2014, mu bitaro biri mu burengero bw’igihugu c’Ubuhindi vyitwa Cygnus biri ahitwa Sopinat, umugore yitwa Urmila Sharma w’imyaka 28 yavyaye abana babiri b’abakobwa bamatanye (deux sœurs siamoises).

Muganga Shikha Malik avuga ko uwo mugore yaje gupimisha imbanyi, arabonako afise abana bafatanye ariko ntaco yashobora gukora kuko iyo mbanyi yari igeze mu mezi menshi.

Ku kinyamakuru Daily Mail, muganga Shikha Malik asanzwe akwirikira ivy’imbanyi, avuga ko ivyo vyose vyatumwe n’ubukene bwokora amakara bugata buri mu muryango wa Urmila Sharma n’umugabo wiwe Subhash w’imyaka 32 kuko bananiwe no kuja gupimisha imbanyi kwa muganga, ikiri ntoyi. Uwo muganga avuga ko iyo ndwara yitwa "parapagus bicéphale" bisigura "umubiri umwe imitwe ibiri". Iyo rero abibona kare, uwo yibungenze yari guhitamwo ko iyo nda bayikorora canke akemera kuyivyara ariko azi neza ico izovamwo.

Kubera vyamaze kuba uko, umurwi w’abahinga mu buvuzi urimwo na muganga Shikha Malik, bavuga ko bazokora ibishoboka vyose kugira bakize amagara y’uwo mwana yamaze kuvuka afise imitwe ibiri.

Raba aha munsi uko uwo mwana ameze


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.