Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwanditsi rurangiranwa Kofi Awoonor yaguye mu gitero i Nairobi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umwanditsi rurangiranwa Kofi Awoonor yaguye mu gitero i Nairobi

Umwanditsi rurangiranwa Kofi Awoonor yaguye mu gitero i Nairobi

lundi 23 Nyakanga 2013

Inyuma yaho inzu y’ubudandaji iri mu gisagara ca Nairobi iterewe n’umurwi w’intagondwa z’aba al shebab hakitaba Imana abantu barenga 68, muri abo, harimwo umwanditsi w’ibitabu rurangiranwa ava mu gihugu ca Ghana Kofi Awoonor.

Kofi Awoonor rero yavukiye mu gihugu ca Ghana kwigenekerezo, rya 13 Ntwarante mu mwaka w’1935, i Wheta, Gold Coast mu gihugu ca Ghana. Amakuru ashikirizwa n’umunyamabanga mukuru wa Leta ya Ghana, avuga ko Kofi Awoonor yari muri iyo nyubakwa y’ubudandaji ari kumwe n’umwe mu bahungu biwe, ari nakwo guca araswa n’izo nkozi zikibi zo mu muhari wa al shebab. Ariko uyo muhungu wiwe, akaba yarakomeretse bisanzwe ubu ariko aravurirwa mu bitaro vyaho i Nairobi.

John Dramani Mahama, umukuru w'igihugu ca Ghana

Amakuru ava mu muryango wa Kofi Awoonor, avuga ko umuhisi yari yatumiwe mu nama yatangura kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Nyakanga, aho yari yatumiwe mu bari kuremesha ikiganiro muri ico gihugu ca Kenya. Akaba yarashwe n’intagondwa mu gihe yari yajanye n’umuhungu wiwe gufata akayi ko mu gatondo. Umukuru w’igihugu ca Ghana John Mahama yariko afata urugendo aja mu nama y’’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu gisagara ca New York akaba yahojeje umuryango wabuze, ndetse aranatera ivyatsi izo nkozi z’ikibi. Abantu batandukanye barimwo abanyacubahiro bo muri ico gihugu, abatavuga rumwe na Leta bakaba bashitse ku rugo rw’umuhisi i Accra kugira bahoze umuryango wabuze.

I wheta mu gisagara Kofi Awoonor avukamwo, n’umubabaro udasanzwe, mu gihe bumvise ko imfura yabo yitavye Imana. Ako karere ka Volta, bari basanzwe bakunda rwose Kofi Awoonor kuko yafatwa nk’umuntu yabazaniye ibikorwa vy’ iterambere. Ikiziga c’uyo muhisi kikaba kizoshikanwa mu gihugu ca Ghana kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 25 Nyakanga.

Kofi Awoonor rero yatanguye gushira ahabona bimwe mu bitabu yanditse mu mwaka w’1964, igihe ibihugu bitari bike vy’Afrika vyariko biraronka intahe y’Ukwikukira. Yaraserukiye i gihugu ca Ghana mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu nyuma aba umukuru w’inama nkuru y’igihugu, imbere yaho akaba yarabaye umwigisha muri za kaminuza zitandukanye zo muri Afrika,n’ahandi.

Twobibutsa kandi ko Kofi Awoonor ari mu banyafrika rurangiranwa banditse ibitabu bikomeye, kuko bimwe mu bitabo vyiwe vyigishwa mu makaminuza atandukanye yo mu Burundi, mu bisata vy’indimi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.