Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umwanditsi rurangiranwa yiyemerera ko ahuza ibitsina n’abandi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Umwanditsi rurangiranwa yiyemerera ko ahuza ibitsina n’abandi (...)

Kenya : Umwanditsi rurangiranwa yiyemerera ko ahuza ibitsina n’abandi bagabo

jeudi 30 Nzero 2014

Umwanditsi rurangiranwa wo mu gihugu ca Kenya Binyavanga Wainaina yamenyesheje ko ari mu murwi w’abahuza ibitsina n’abandi bagabo nkawe, ivyo akaba yavyiyandikiye mu kinyamakuru gica ku buhinga ngurukanabumenyi.

Abatari bake rero bakavuga ko vyabatangaje kwumva uyo mwanditsi rurangiranwa ahuza ibitsina n’abagabo nkawe ku myaka 43 y’amavuko. Ariko hari n’abandi bavuga ko bari basanzwe bazi ko ahuza ibitsina n’abandi bagabo, abo bakaba ari bamwe mu bagenzi biwe. Itegeko rirekurira abahuza ibitsina babisangiye mu bihugu bitandukanye vy’Afrika rikaba ryariyamirijwe, ndetse no mu gihugu ca Kenya iryo tegeko rikaba ritemewe, eka n’abafashwe bakaba bahanwa, n’aho usanga atari benshi bafatwa.

Binyavanga Wainaina akaba azwi cane mu gitabu yanditse ’’ One Day I Will Write About This Place’’( umunsi umwe nzandika kuri iki kibanza), igitabu cakunzwe n’abantu benshi aho mu gihugu ca Kenya. Uyo mwanditsi wo muri ico gihugu yiyemereye ko ahuza ibitsina n’abandi bagabo, akavuga ko yahisemwo guha ijambo ry’utwe iyo nkuru yiwe ati :’’Je suis homosexuel maman’’ (mpuza ibitsina n’abandi bagabo muvyeyi) kuko azi ko uwo mutahura ari umuvyeyi wiwe gusa.

Ariko rero, uyo muvyeyi wiwe yandikiye, akaba yitavye Imana imbere y’uko aja mu gihugu ca Afrika y’Epfo aho asanzwe aba ubu. Amenyesha ko yatanguye guhuza ibitsina n’abandi bagabo ku myaka 34, ubu hakaba haheze imyaka 9 agira ivyo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.