Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwanditsi wa “SAS” yasezeye isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwanditsi wa “SAS” yasezeye isi

Umwanditsi wa “SAS” yasezeye isi

samedi 2 Munyonyo 2013

Umwanditsi rurangiranwa w’umufaransa, Gérard de Villiers, yaritavyimana kuri uyu wa kane uheze. Uwo batazira “se wa SAS” akaba yitavyimana inyuma y’imisi mike asohoye igitabo kigira 200 co mu rukurikirane “SAS”. Ni umwanditsi bavuga ko ari uwa mbere asomwa cane kw’isi mu muce w’ibitabo bita “espionage”.

JPEG - 49.3 ko
Isanamu ya Gérard de Villiers yafashwe muri Nyakanga 2007. Mu biro vy’uo muhisi.

Mu muryango w’abakunzi b’ibitabo vyo mu rukurikirane bita “ SAS ” bari mu mubabaro ntangere. Umwanditsi w’urwo rukurikirane rw’ibitabo, Gérard de Villiers, yaritavyimana kuri uyu wa kane uheze. Yitavye imana ku myaka 83 bugingo yaraherutse gusohora igitabo “La vengeance du Kremlin” kigira 200 co mu rukurikirane rwa SAS. Uwo mwanditsi batazira “Se wa SAS” akaba yahitanywe n’indwara ya “Cancer” yamaranye igihe kitari gito.

Gérard de Villiers akaba yavutse kw’igenekerezo rya 9 Kigarama 1929 mu gisagara ca Paris. Se akaba yari umwanditsi w’ivyese, nyina wiwe nawe akaba yari imvyukira yo mu muryango w’abifashe. Ibitabo vyiwe vyo mu rukurikirane SAS (gisigura mu majambo yose "Son Altesse Sérénissime") bikaba ari ibitabo bikunzwe cane kw’isi. Umuperesona mukuru w’ibivurwa muri ivyo bitabo akaba ari uwitwa le Prince Malko Linge batazira « SAS ». Ibitabo vya SAS bimaze gusohoka bikaba biharurwa mu miriyoni 100.

JPEG - 18.1 ko
Umuhisi, Gérard de Villiers

Ikinyamakuru co muri Leta Zunzubumwe z’Amerika citwa New York Times, muri Nzero 2013, cari camwanditseko inkuru ndende. iyo nkuru ikaba yarimwo uko uwo mwanditsi abigenza kugira aronke ivyo yandika. Kuko SAS ni urukurikirane rw’ibitabo bivuga ibijanye n’igendereza hamwe no gusuma urusaku (espionnage). Akenshi rero, mu bitabo vyiwe, avuga ibibaho ariko aba peresona akoresha muri ivyo bitabo akabahindura amazina.

Mwomenyako inkuru y’uruphu rwiwe yamenyeshejwe biciye ku mushingwamanza wiwe Eric Morain. Uno niwe Gérard de Villiers yari yanshinze kumenyekanishako yitavyimana. Eric Morain akaba yabimenyesheje acishije ku muhora ngurukanabumenyi wa Twitter.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.