IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umwe mu bavuga ko bishikanye yiyemereye ko ari mu bishe Ababikira batatu (...)

Umwe mu bavuga ko bishikanye yiyemereye ko ari mu bishe Ababikira batatu b’batariyanokazi

dimanche 20 Ntwarante 2016, par egide

Umwe mu banyagihugu yerekanwe n’igiporisi c’Uburundi, ari mu bavuga ko bishikanye ku bajejwe umutekano inyuma y’ukuba bahora mu mirwi y’abarwanyi bahungabanya umutekano mu gisagara ca Bujumbura, yiyemereye ko ari mu bagandaguye Ababikira batatu b’Abatariyanokazi bakorera kw’isengero Guido Maria Conforti ryo mu Kamenge. Uwo munyagihugu amenyesha kandi ko ari mu baturiye inzu y’ubudandaji T2000 iri mu gisagara ca Bujumbura.

KWIZERA Clovis batazina Désiré niyo myidondoro yatanzwe n’uwo munyagihugu avuga ko yishikanye ku nzego z’umutekano, akemera ko ari mubagandaguye Ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79, hamwe na Lucia Pulici w’imyaka 75.
Uwo munyagihugu avuga ko bishe abo babikira babitumwe na Alexis SINDUHIJE, kugira bambike iceyi ubutegetsi bw’Uburundi, ico gikorwa akavuga ko bari bagihawe ari bane. Nk’uko abishikiriza, bakoze amanama ane mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.
KWIZERA Clovis batazira Désiré yiyemerera ko ubwiwe ariwe yishe umubikira Olga Raschietti.

JPEG - 23.4 ko
KWIZERA Clovis batazira Désiré yiyemerera ko ubwiwe ariwe yishe umubikira Olga Raschietti

Uwo munyagihugu amenyesha ko abakoze ubwo bwicanyi bari bemerewe ko bazoca bajanwa hanze y’igihugu c’Uburundi n’aho bitabaye bigikunda, agasigura kandi igituma bahawe ico gikorwa c’ukugandagura abo babikira.

« Barya babikira nibo batwara imiti i Kiliba Ondes ahantu hari imbonerakure za CNDD FDD ziriko zirigira imyimenyerezo ya gisirikare. »

JPEG - 165 ko
Ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79, hamwe na Lucia Pulici w’imyaka 75

KWIZERA Clovis batazina Désiré ariyemerera kandi ko ari mubaturiye imangazine y’Abashinwa T2000, akavuga ko ababikoze bari bane nyene, n’aho nyene agasigura imvo bahawe kugira baturire iyo mangazine.

« Abashinwa bafasha cane ubutegetsi, kandi n’inkoho nyinshi z’igisirikare c’Uburundi cane cane izikoreshwa n’igiporisi BAE (Brigade Anti Emeute) kirongowe na Désiré UWAMAHORO ziva mu Bushinwa. »

Uwo munyagihugu yerekanwe n’igiporisi c’Uburundi avuga kandi ko babwiwe ko Abashinwa aribo bakoresha imyimenyerezo Imbonerakure za CNDD FDD muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

KWIZERA Clovis batazina Désiré akavuga kandi ko n’aho nyene iyo mangazine y’Abashinwa (T2000) yaturiwe kw’itegeko rya Alexis SINDUHIJE.


IGIHE

Messages

  • Turabazi ? Ababikoz? Nimureke

  • Ahubwo mu kwiye kuja mu bitaro vya basazi kuko Nti mukomeye mu mitwe ya nyu aho mwa besheye Nti mubona ko mu keneye imiti yo kubavura kweri ndi baza ko ata muntu yo kwemera ivyo mu vuga kuko Nti mukomeye mu mutwe

  • Turabazi ? Ababikoz? Nimureke

  • ABATEGETSI BI BURUNDI NIBABANDANYE BAMUKORE KO AMATOHOZA UZOSANGA ARI NOMUBISHE BIKOMAGU NUMUKURU WA I.P.D. NA ADORUPHE MUNTUMBERO YUGUTUKISHA UBUTEGETSI MUMAKUNGU HAMA ACE AHANISHWA IGIHANO COGUPFA

  • niryaba atari irementanya,ni ahanwebimwevyakarorerokukoyarambitse ibara uburundi n,abarundi.kandibageragezebaronderen,uwoyabatumyenawe ahanwe

  • niryaba atari irementanya,ni ahanwebimwevyakarorerokukoyarambitse ibara uburundi n,abarundi.kandibageragezebaronderen,uwoyabatumyenawe ahanwe

  • ayiweeee!! Mukama wange!!! kumbe nuko vyagenze RPA ikatuyagira ibindi!!!

  • Iryo ni irementanya.
    Ntamuntu yo kwishikana hama yemere ivyo vyose.
    Barahenda abandi.

  • Mwiriwe abandi mwaramutse?
    jew ndibaza yuko ivyurupfu rwababikira ko twese vyatubabaje,
    nibareke gukora munkovu impfuvyi,abapfakazi,nabantahonikora babujije kubaho kuko reta nimba ivyishikiriza arukuri nizane nuwatanze amakuru anyuranye ningendo abagirizwa bavuga kobakoze ariko atarizo!
    karashize ingani ubutegetsi bw’uwahoze arongoye uburundi NKURUNZIZA,bw’ubakwe kandi bwubakire kubanyabinyoma n’ibinyoma!
    Ndatangaye!ariko atarugutangazwa nivyobakora,ntangazwa no kuba kwa muganga habarwaye bo mumutwe haruzuye kandi abarwaye bakiribenshi
    gouvernement yose benshi muriyo bajanwe kwa rojanti.
    murakoze.
    niharambe ukuri n’ubuntu n’uwazanye iciyumviro co kugarukira ukuri n’ubuntu mu Burundi

  • Iryo nirementanya ry’ambaye ubusa ukonukugira ibikomerezwa vyategetse kwica abobakira Ngo vyikingire abonabantu mubo mwafunze bazirakwiyamiriza manda 3 baba baremvye namahiri mucamubabwira ngonibiyemeze ivyo batakoze kugira mwikingire murahumba amaraso yabantu mwikoreye gushikubu nimeshi nubwo ayabo babikira atobafata ayandiyo azobafata

  • Muratweza Abs DD imyaka iheze mwafashe umusazi muhamagara imboneshakure no mwafashe uwagandaguye ababikira,bukeye mushikiriza umusirikare wari mubutumwa somariya avuga ingénue yatumwe ninogozi zimwe zimwe mugipolice na gisirikare ababatumye kugandagura ababikira none mugeze kuri Alex Sinduhije mbega mueore yahuyehe na Alex Sinduhije Aba DD ivyo mukora biteye isonimwahevye dandat mwivyi kuyobora ko vyabagoye none mwagize isoni timuvuze yuko arurwanda rwamutumye canke umusodawurwanda icon nababwira amaherezo ivyo mukora nukufugwa nukabibazwa

  • Mwebwe mwafashe abanyepolitike bari muri mwebwe murabatoteza barahunga none musigaye mugira ibintu vy’ubujuju. None wa musazi mwasangana ya telefone yabo uwo desire yababwiye ko bari kumwe? Nukuri muragowe.

  • Ba mureka guhenda abantu ngw,abishikanye!! Aho rero mushaka Sinduhije? Twarabahinyuye! Mwibaza ko twese turimpumyi? Nuwudafise inka, arabona ahita amase. Ndabasetse!!

  • Ba mureka guhenda abantu ngw,abishikanye!! Aho rero mushaka Sinduhije? Twarabahinyuye! Mwibaza ko twese turimpumyi? Nuwudafise inka, arabona ahita amase. Ndabasetse!!

  • Ba mureka guhenda abantu ngw,abishikanye!! Aho rero mushaka Sinduhije? Twarabahinyuye! Mwibaza ko twese turimpumyi? Nuwudafise inka, arabona ahita amase. Ndabasetse!!

  • Ba mureka guhenda abantu ngw,abishikanye!! Aho rero mushaka Sinduhije? Twarabahinyuye! Mwibaza ko twese turimpumyi? Nuwudafise inka, arabona ahita amase. Ndabasetse!!

  • hemwe burya nihweje, je ndabona leta y’u Burundi yenda gutembagara kuko yama amatangazo asohoka arerekana neza ko leta yenda guhirima.

  • IVYOTWARINDUSANZETUBINZI NAMASOKO BARATURIYE IYOYOSENIMIVUMO KU IMANA ARINZIMA KADI MWARABA UBWOKO NARABIBONA

  • Eka Abarundi Turi Ingombe Za Mwambutsa Koko.

  • Ko Adolphe yapfuye murindire ko azuka azovyemeza canke abihakane.

  • none abantu batwara igihugu bose nabasazi mumutwe ga yemwe!!!!!!!!!

  • Nimba Ariyo Poritike Isigaye Ikora .Turagowe !Mbe Kohabonetse Uwabishe Kare Avuga Adolfe Muhindukiye Kuri Sinduhje Gte?Nimureke Amarementanya Twubake Igihugu .Nayaha Ndi Ivyo Ntaho Vyobashikana

  • Nne Ko Uburundi Buguma Muntambara Kuva 1972jewe Sintahura Ikibituma.

  • None Sinduhije navuga ko ataho amuzi bizogenda gute?

  • Uyomuntu Nibamupime A.D.E.N None Wamusazi Basangana Uruphunguruzo Akavyiyemerera Nawenyene Bakoranye Nuyomugabo? Ko Reta Yahakanye Kwatambonerakure Zagiye Muri Congo Ububivuyehe Yemwe Namwe Murarushe Imana Izofukura Ivyafutswe

  • Uyomuntu Nibamupime A.D.E.N None Wamusazi Basangana Uruphunguruzo Akavyiyemerera Nawenyene Bakoranye Nuyomugabo? Ko Reta Yahakanye Kwatambonerakure Zagiye Muri Congo Ububivuyehe Yemwe Namwe Murarushe Imana Izofukura Ivyafutswe

  • Uyomuntu Nibamupime A.D.E.N None Wamusazi Basangana Uruphunguruzo Akavyiyemerera Nawenyene Bakoranye Nuyomugabo? Ko Reta Yahakanye Kwatambonerakure Zagiye Muri Congo Ububivuyehe Yemwe Namwe Murarushe Imana Izofukura Ivyafutswe

  • Je ndadamwe pe! Oya namwe mumbwire,wamusazi yafatanwa telephone police ikemezako ariwe yabishe mbe kwari ukuri?kuki amatohozwa ya RPA atakoreweko?mbe Juvent we arihe?mbega ubu kubimaze kuvugwa vyose twokwemera ko arinde ari mukuri?BAGORIKUNDA ntaratubwira neza aho bigeze,mbe uyo yavuga ni umusoda?police?uwahoze muki robeli canke n,umudurumu?ndababwire ukuri na NDADAYE yishwe ku murango nubu amaraso yiwe ntarahorwa sindamenya abamwishe n,ubu,ntihoza uwutumbwira uko Adolphe yishwe nawe?BIKOMAGU,MANIRUMVA,SAFISHA ngejejaho,CNDFDM ntacizere nkiyifitiye.ariko ntaco ntawutazopfa haragowe uwica umuntu.

  • nukuri ubwo nububeshi uwomuntu agomba kwambika ibara abantu yarihe ko atabishikirij kuvakare ngo ubutungane bubikorereko ashaka kubihindira kubatavuga rumwe na leta.nn nahanwe ntiyiyemereye icaha yakoze nabihanirwe rero.

  • MURAHENDA BANYOKO BATIZE!!!SINDUHIJE NUMUGABO NTAHO MUZOMUKURA,REKA TURINDIRE MUNDWI IZA GELASE AZOTUBWIRA KO ARI KAGAME YABISHE,ABA DD NI BURE KABISA.

  • Alexis Sinduhije bamurengeye kweri!!!!!!!Ko yoba yaraturirishije T2000..ivyo ntaco twobivugako azokwisigura.Ko yicishije les 3 soeurs ako ni akamaramaza.mbega hoho yari i Bujumbura?bahuriye hehe nizo nkinamico?
    Icirwa, umubu wariye abarundi ukabanduza kubesha nukurema ibinyoma kuri benewabo abarundi ni bawivuze.Si alexis yambitswe ibara.Umukobwa ageze kuja mu rugo bamwita maraya.Umugore yahukanye canke yapfakaye bamwita maraya.Umukozi yagize imana akererwa bamwita igisuma, umuntu yiraburabunaniwe bamwita umurozi, umugabo w ukuri bamwita akarimarirenze,President peter wewe ntaco batamwita, musenyeri, patiri wa paruwasi ni maraya!!!none tuze duhebe kuba tucumvirizanya umwe wese abe ikiragi?ububeshi bwaye ndanse.ntawuzi ko ari vengeance canke ko ari akaborerwa..mais aho bigeze ige kugendera mukuri

  • ababishe turabazi nuko imva itavuga murana mubaze adopfu arabazi we yabatuma.

  • UWO MUNTU YABISHE NAHANWE BIMWE BIKOMEYE.

  • Wew Urindira Kubandi,non Kowabish Waragiy Kwa Sinduhij?Cank Urashonj Urimw Umubeshera?Wowo Kuv Ubikor Waciyuhungirahe?Kowishikany Nawukabuz Amategeko,kubwanj Nibakwice.

  • Wew Urindira Kubandi,non Kowabish Waragiy Kwa Sinduhij?Cank Urashonj Urimw Umubeshera?Wowo Kuv Ubikor Waciyuhungirahe?Kowishikany Nawukabuz Amategeko,kubwanj Nibakwice.

  • Emwe Irementanya Ryaba Dd Ritugezahantu Pe !Ejobundi Barementanije Kumunyarwanda Cyprien ,se We Arabibeshuza Nonubu Bageze Gukuricaha Kubavuzwe Kobishababikira ?Emwe Justice Yuburundi Nitangimihoho .Amaraso Arahuma Kandi Ntahera .Ukuri Kuzoteba Kumenyekane Nayivyovyo Nirementanya Ryeruye .Hebamumaramare .

  • Nimba atarumusazi amaraso yabantu yishe aramudendembesha araboneka nisura yiwe.nivyanyegejwe ikuzimu bizohava bija habona abivuga ntasoni .Ahubwo abantu nkabo Ni beshi. Ngaha muburundi.

  • Ndayikeza Leonard, en fait Uburundi buri mu Ngwano idahera kubera Abicanyi bose ari Abahima canke Nkurunziza baranse ko Ubutugane bukora kugira abo ba criminels bacirwe urubanza rubakwiriye ninaco gituma génocide ibandanya.

  • Kwerekana ko utinya umuntu gushika hiyo ga yemwe ni nko kwisuzuzguza pe, SINDUHIJE KOMERAAAAAAAA. Uri umugabo pee.

  • Hehehehehe Iwawa ni ikigwa mu kiyaga ca Kivu si i Butare. Montage ntibura fuite aho wabeshe sha.

  • Mbe Alex Sinduhije ari hagati mu gihugu? uwo batazira Desire ko avyiydmerera ntababazw.nihafatwe Alex uwnm naw areurwe

  • on dirait que nous avons deux gouvernment ,duex peuples ,deux budget,!!!apparemet il ya eu un divorce du marraiage d’aussi longtemps!!on a besoin de mugabe au burundi .On a jamais ete libre
    ces aides qui n’ont jamais changer notre vie .Est que il nya pas d’autre moyens de vie !!!
    one say i will finance this ,other one say you will passe money on this way another one say no i prefere this people another say………….Shame !!europe-belgium you are lying you have lost your wife .it is not all bout democracy or arusha accord because all are respected till now.So why do you impose the president to whom to negotiate already the latter has accepted injuste negotiations !!You are deepening burundi in crisis .!!There is no way you can negotiate with putchist is impossible and you are blocking peace.
    alexis sinduhije should be in tribunal court if you want peace in the region.
    Répondre

  • Ahhhaaa..!uwubuze.uko Avuga ntabura uko gira! Abo bababeshera ,sinduhije,Alex .,bazomela., nkayuda yiyahuye yicishhje yesu.yaci ye yihaza!Akagozi

  • Mbabajwenavyishi ntibagiwe uwitwa Rugurika amadambikanya yigeze kumarimisi avugango yaravuganye numuntu yishebarya babikira! Mbega uwomumpariza ati umwemwavugana akubwirakwariwe yishe ababikira nuryayavuzwe yagiyekwica yambaye impuzuza bapadri? Ati canke nuwo Batazira Desire. Sha ubwoburementanya mwakoze buzobajegeza kugezanaho muzokwibaza tutiyotwamenya! Nonekonzi ubumutakironka agatiro mugizenaho murasinzira komurotanabi mubona mugomba guhanirwa amabimwakoze. Umvandababwire abarundi bavugango ukorineza ukayisanga imbere wakora inabinayo ukayisanga imbere, nivyovyivyo navuze kw’amabi namarementanya mwakoze yindengarugero atumamutagisinzira mwagiramurasinzira mukarota nabi mubona murikomuraryozwa amabi mwakoreye uburundi nabarundi ( ukorinabi ikaguherekeza )

  • Uwo Muntu Yishikanye Akaca Agomba Gucisha Umutwe Abarundi Ahubwo Nibamwice Kuko Agomba Gushira Akajagari Muba Nyagihugu Ese Boshiraho Igihano Co Kwica Vyoteba Bigahera

  • Yemw uburundi ntiburagakira!ubu muntu mutavuga rumw agukorera montage,mb iry ndemb yiyemerer ko yar mubishe ziry ntungan zab soeurs atac bazir,ntiyovyemer ataw ahitany akemer agahanw?mbe ubuh biry vyimboner kur zar clima ondes avug,vyakabay arivy kand Letat yarabihakan?ahubw uwo yiyemer ko yish bary soeurs nimboner yar clima ondes yishikany,niyemer ihanw atayand matohoz asabw akur kuvug ng nabamumy kuk icah araciyemerer.

  • Ariko Kwer Ab Dd Batayumutwe Amaraso Yabantubishe Azobadedembesha Kweri

  • Ivyo Ntibibaho Iyo Nirementanya

  • NONE WAWUNDI WEWE YEMERA KUMWAKA UHEZE KWARIMWO MUBABISHE KUMARADIYO BOBA BARAKORANYE?UTUGENEGENE NITWISHI MUBURUNDI!!!!

  • Baraguse bakeka ko wice umuntu barangiza bakakujyana mukigo ngorora muco hahaha epuis Iwawa si ibutare ni mu kirwa(ile) kibuye na cyangugu hahahahah abarundi yemwe yemwe.. fabricates stories kugira ngo bashiremo u rwanda.. murarwaye

  • YISHE ABANTU BAMWEMEREYE KUJANWA HANZE NTIBAMUJANA .ATURIRA T2000 NTIYAVUZE ICOYAHEMBWE.AREMERA KANDI BAMUTUMA KURWANA?IYONIMITWE ATARIYO NAHO UYOMUGABO NINKOROFANI IKORERA UBUSA ATARIYO NAYO YOBA ARUSHA GUSARA BUTOYI CHRISTIAN!!!

  • Leta ya nkurumbi iragerageza uko ishoboye kose ngo yikureho ubwicanyi. Ubu barakoresha imbaraga zose mukinyoma bashaka kwereka amahanga ko ikibazo ari uRwanda bo ari abere. Ubu bageze kuri politique y ibinyoma ubona bivanze n uburofa . ayo makungu mushaka kumvisha ibibazo byanyu azatinda abace amazi kuko murakabije ubugome

  • ABAFISE AMENYO NIBATWENGE HEHEHEHEHEHEH!!!!!!!!!!!!!!!!! MBE YEMWE IVYO NTIMWOBIREKA AHO MWAKOREYE AMAREMENTANYA? MUNYIBUKIJE IGIHE BADUFATA TWIGIRIYE KWÃ SHURE, HANYUMA WUMVA ABO TWITA ABAKOMAGU NGO NDAKENDA MAMA UYO ATARI WAWUNDI YARIKO ARATURASA !!! BATI EMERA TUGUFASHE , BENSHI BEMERA IVYO BATAKOZE NGO BARAFASHWA NABO BAGIYE GUPFA ENDA UYO MUHUNGU MUTANGE MUMASHIRAHAMWE YIGENGA BAMUBAZE

  • NSAKAKUMENYA AMAKUR’AVUGWAKURI BIBIS YIGIHUGU GUKURIKIRANA NIMYUKAMIBI

  • None Uwo Yiyemereyeko Ariwe Yakoze Icokibi Kibishe We Amerewe Gute? Avuka Hehe? Ubutegetsi Bumuvugakwiki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.